Ivyakozwe 28:26-27
Ivyakozwe 28:26-27 BKC
‘Genda ubwire ubwo bwoko uti: Kwumva muzokwama mwumva ariko ntimuzokwigera mutahura, kuraba muzokwama muraba ariko ntimuzokwigera mubona. Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye; amatwi yabo ntashobora kwumva, kandi amaso yabo barayahumiriza. Ahandi ho bobonesheje amaso yabo, bakumvisha amatwi yabo, bagatahurisha imitima yabo, maze bagahindukira nanje nkabakiza.’





