Ivyakozwe 11
11
Petero yisigura ku vyabereye kwa Koruneliyo
1Intumwa n’abandi bizera b’i Yudaya bumva ko Abanyamahanga na bo bakiriye ijambo ry’Imana. 2Maze Petero asubiye i Yerusalemu, abizera bakebwe ari bo Bayuda baramunegura, 3bati: “Wewe warinjiye mu nzu y’abatakebwe, mbere warasangiye na bo!”
4Nuko Petero ahera ku ntango, abasigurira neza vyose uko vyagenze. Arababwira ati: 5“Nari i Yopa ndiko ndasenga, hanyuma mera nk’uwutwawe n’agatiro, nca ntangura kwerekwa. Mbona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururuka kiva mw’ijuru gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine, gishika aho nari ndi. 6Nihweje muri co, mbona ibikoko bigendera ku maguru ane, inyamaswa zo mw’ishamba, ibikwega inda hasi hamwe n’ibiguruka mu kirere. 7Nca numva ijwi rimbarira riti: ‘Petero we, haguruka, ubage urye.’
8Nanje ndishura nti: ‘Oyaye Mwami, ntibikabe! Kuko jewe ntigeze ndya ikintu na kimwe gihumanye.’
9Rya jwi ryongera kuvuga ubwa kabiri rivuye mw’ijuru riti: ‘Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.’ 10Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.
11Ubwo nyene abantu batatu bantumweko bavuye i Kayisariya baba barashitse imbere y’inzu nari natsemwo indaro. 12Mpwemu Yera ambarira ko nojana na bo ntakekeranije. Aba bene Data batandatu baramperekeje i Kayisariya, maze twese twinjira kwa Koruneliyo, 13na we aca atubwira ko yabonye umumarayika ahagaze mu nzu iwe amubwira ati: ‘Rungika abantu i Yopa bazane umuntu yitwa Simoni ari we Petero. 14Azokuzanira ubutumwa buzogukizanya n’abo mu nzu yawe bose.’
15Ntanguye kuvuga, Mpwemu Yera abazako nk’uko yatujeko mu ntango. 16Nca nibuka ivyo Umwami Yesu yavuze, ati: ‘Yohana yabatiza mu mazi, ariko mwebwe muzobatizwa muri Mpwemu Yera.’ 17None rero nimba Imana yabahaye ingabire nk’iyo yaduhaye, twebwe twizeye Umwami Yesu Kristo, mbega jewe nari iki ngo mbe intambamyi ku gikorwa c’Imana?”
18Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”
Ishengero rivuka muri Antiyokiya
19Nuko abari barasabagiye kubera ihamwa ryari ryatanguranye n’urupfu rwa Setefano baragenda gushika i Foyinike, i Kupuro no muri Antiyokiya, babwira ijambo ry’Imana Abayuda bonyene. 20Ariko bamwe muri bo, abava i Kupuro n’i Kurene, baja muri Antiyokiya, batangura kwigisha n’Abagiriki na bo, bababwira Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu Kristo. 21Ikiganza c’Umwami Imana cari kuri bo, bituma abantu benshi bizera, bahindukirira Umwami Yesu.
22Inkuru zabo zishikira ishengero ry’i Yerusalemu, maze barungika Baranaba muri Antiyokiya. 23Ashitseyo akibonera ico ubuntu bw’Imana bwakoze, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose. 24Baranaba yari umuntu w’umugwaneza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Nuko igitigiri kinini c’abantu bizera Umwami Yesu.
25Inyuma y’aho Baranaba aca aja i Taruso kurondera Sawuli. 26Amubonye, aca amujana muri Antiyokiya, bompi bamarana umwaka n’ishengero, bigisha abantu benshi cane. Aho muri Antiyokiya ni ho abigishwa batanguriye kwitwa Abakristo.
27Muri ico gihe, abavugishwa n’Imana bamwe bamanutse bava i Yerusalemu, baja muri Antiyokiya. 28Umwe muri bo yitwa Agabo, arahaguruka, yuzuye Mpwemu Yera, avuga ko ikigoyi kizotera mu bwami bw’Abaroma bwose. (Ivyo vyahavuye bishika ku ngoma ya Korode.) 29Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwumwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya. 30Nuko barabishitsa, barungikira imfashanyo zabo abakuru b’ishengero ry’i Yerusalemu, zijanwa na Baranaba na Sawuli.
Currently Selected:
Ivyakozwe 11: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.