Ivyahishuriwe Yohana 6:12-13
Ivyahishuriwe Yohana 6:12-13 RUN1967
Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico gitabo, isi iratigita cane: izuba ririrabura nk’igunira ry’ubgoya; ukwezi kwose guhinduka nk’amaraso: inyenyeri zo kw ijuru zikorokera hasi, nk’uk’ umusukoni uzungagizwa n’igihuhuta ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza:





