Ivyahishuriwe Yohana 14:9-11
Ivyahishuriwe Yohana 14:9-11 RUN1967
Umumarayika wundi wa gatatu akurikirirako, avuga n’ijwi rirenga, ati Ni hagira umuntu asenga ca gikōko n’igishushanyo caco, akemera gushirwakw ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. Kand’ azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi. Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.





