YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 9

9
Icago ca gatanu: hatera akaryama
1 # Kuv 8:1. Uhoraho araheza abgira Mose, ati Ja kwa Farawo, umubarire, ut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe. 2Na ho ni wanka kubarekura, ugashishikara kubagumya, 3#Kuv 7:4; 1 Sam 6:3, 5; Ivyak 13:11.eh’ ukuboko kw’ Uhoraho guhanamiye ivyo utunze bigandagaje ku misozi: ku mafarasi, no ku ndogoba, no ku ngamiya, no ku nka, no ku mikuku: akaryama k’icago kazobitera. 4#Kuv 8:22.Kand’ Uhoraho azoshirah’ itandukaniro hagati y’amasho y’Abisirayeli n’ay’ Abanyegiputa: mu y’Abisirayeli yose ntihazopfa na kimwe. 5Uhoraho ashinga igihe, ati Jewe Uhoraho, ejo ni ho nzokora ivyo mu gihugu. 6#Kuv 9:19.Bukeye bgaho Uhoraho abikora kuno nyene, ibitungano vyose vy’ Abanyegiputa birapfa: ariko mu vy’Abisirayeli ntihapfa na kimwe. 7#Kuv 7:14.Farawo atuma kurāba, asanga hatapfuye na kimwe mu bitungano vy’Abisirayeli. Maz’ umutima wa Farawo urakomantara, ntiyarekura ubgo bgoko ngo bugende.
Icago ca gatandatu: hatera ibihute
8Uhoraho abarira Mose na Aroni, ati Ni mwābīre amashi y’ umunyota wo mw itanure, Mose awutumūrire hejuru imbere ya Farawo. 9#Gus 28:27; 2 Abam 20:7; Yob 2:7; Ivyah 16:2.Urahinduka umukungugu wārāre ku gihugu cose ca Egiputa, uhinduke ibihute bivamw’ ibimungu, bifate abantu n’ibitungano mu gihugu cose ca Egiputa. 10Bajana wa munyota wo mw itanure, bahagarara imbere ya Farawo, Mose awutumūrira hejuru; uhinduka ibihute bivamw’ ibimungu, bifata abantu n’ibitungano. 11#Kuv 7:11; 2 Tim 3:9.Ba banyamarēba ntibashobora guhagarara imbere ya Mose kubg’ ivyo bihute; kuko vyari bifashe abo banyamarēba, bo n’Abanyegiputa bose. 12#Kuv 4:21.Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’uk’ Uhoraho yari yarabgiye Mose.
Icago ca ndwi: hatera urubura
13 # Kuv 8:20. Uhoraho abarira Mose, at’ Uz’ uzinduke kwa Farawo mu gaturuturu, uhagarare imbere yiwe, umubarire, ut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe. 14#Kuv 8:10; 2 Sam 7:22; Zab 71:19; 86:8; Yer 10:6, 7.Ut’ Ubu rero, agira agomore ivyago vyiwe vyose bitere umutima wawe, n’abanyarugo bawe, n’abantu bawe, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye na we mw isi yose. 15Ut’ Ereg’ ubu aba abanguye ukuboko kwiwe, akakurekurirakw ikīza, mwe n’ abantu bawe, ukarandurwa mw isi: 16#Neh 9:10; Imig 16:4; Rom 9:17.ut’ Ariko, icatumye aba arakuretse, n’ukugira ngo akwereke ubushobozi bgiwe, kandi ngw izina ryiwe ryāmāmare mw isi yose. 17Uti Mbega n’ubu uracatangīra abantu biwe, ukanka kubarekura? 18Uti Rāba, ejo nka bugingo ubu azosegenyura urubura rw’icago, rutigeze kuboneka muri Egiputa, uhereye igihe hitiwe izina, ukageza n’ubu. 19Enda none tuma gucūza inka zawe n’ibitungwa n’ivyo ufise vyose biri ku gahinga, kuk’ urubura ruzonyukura umuntu wese cank’ igitunzwe cose bizosangwa ku gahinga bitugamye, bizopfa.
20Nuk’ ūtinye ijambo ry’Uhoraho wo mu basavyi ba Farawo ahungishiriza abantu biwe n’ ivyo atunze mu mazu; 21arik’ ūneneje kw ijambo ry’Uhoraho arekera abantu biwe n’ivyo atunze ku gahinga.
22 # Kuv 10:12; 14:21. Uhoraho abarira Mose, ati Tunga ukuboko kwawe mw ijuru, urubura rugwe mu gihugu cose ca Egiputa, ku bantu no ku bitunzwe no ku cameze cose co ku misozi, mu gihugu cose ca Egiputa. 23#Yos 10:11; Zab 18:13; 78:47; Yes 30:30; Ezk 38:22; Ivyah 8:7.Mose atunga inkoni yiwe mw ijuru: Uhoraho arekura inkuba n’urubura, umuriro utibukira kw isi: Uhoraho asegenyurira urubura ku gihugu ca Egiputa. 24Nuko hagwa urubura rurabagizamw’ umuriro, rw’icago rutigeze kuboneka mu gihugu cose ca Egiputa, uhereye igihe hatanguriye kuba ihanga. 25#Zab 105:33.Mu gihugu cose ca Egiputa, urwo rubura rwica icari ku gahinga cose, ar’ umuntu, ar’ igitunzwe, ar’ igikōko; kandi rwica n’icameze cose co ku gahinga, ruvuna n’ibiti vyose. 26#Kuv 8:22.Mu gihugu c’i Gosheni honyene ni ho rutāgūye, ah’ Abisirayeli baba.
27 # Kuv 10:16; 2 Ngo 12:6; Zab 129:4; Dan 9:14. Farawo atuma guhamagaza Mose na Aroni, arababgira, at’ Ubu ho nkoze icaha: Uhoraho aratsinze, twe n’abantu banje turatsinzwe. 28#Kuv 8:8.Munyingingire Uhoraho, kukw iyi mituragaro iteye ubgoba n’uru rubura bimpotoye; nanje ndabarekura, mugende, ntimuzokwongera kugumizwa ino. 29#1 Abam 8:22, 38; Zab 24:1; 143:6; Yes 1:15; 1 Kor 10:26.Mose aramwishura, ati Ni namara kuva mu gisagara, ndayira amaboko Uhoraho, imituragaro ishire, n’urubura ntirwongere kugwa: kugira ng’umenye yukw isi ar’iy’ Uhoraho. 30#Yes 26:10.Mugabo nzi yuko wewe n’abantu bawe mutarubaha Uhoraho Imana.
31(Kandi hāpfuye ivyitwa pishita#9:31 Pishita zivamw’ ubugwēgwe bgo kujisha impuzu. na sayiri; kuko sayiri zar’ umuyange, na pishita zari zishuritse. 32Arikw ingano na kusemeti ntivyapfuye, kuko vyari bikir’ ikinyovu.)
33Nuko Mose ava imbere ya Farawo, asokoroka mu gisagara, yayira amaboko Uhoraho, ya mituragaro n’urubura birashira, imvura ntiyongera kugwa kw isi. 34#Kuv 8:15.Maze Farawo abonye imvura n’ urubura n’imituragaro ko bishize, arushiriza gukora icaha, yikomantaza umutima, bo n’abantu biwe. 35#Kuv 7:13.Umutima wa Farawo urakomantara, ntiyarekura Abisirayeli ngo bagende, nk’uk’ Uhoraho yavugishije Mose.

Currently Selected:

Kuvayo 9: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in