YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 27

27
Ivy’ igicaniro co kwoserezakw ibimazi
1 # Ezk 43:13. Kand’ uz’ ubāze igicaniro mu giti c’umushita, uburebure bgaco bube amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bube atanu nyene; ico gicaniro kize kingane impande zose. Kand’ uburebure bgaco bg’igihagararo buze bube amatambge atatu. 2Ku nkokora zaco ukw ari zine uz’ ugihe amahembe, ayo mahembe yaco az’ abāzirwe kuri co, abe kimwe na co; uheze ucomekekw imiringa. 3Kand’ uz’ ugicurire inzavya zo kuyoreramw’ umunyota waco, n’ibintu vyo kuwuyoza, bo n’imibehe yaco, n’ivyo kwōkōza inyama, n’ivyo kurahuza: ivyo bintu vyaco vyose ubicure mu miringa. 4Uz’ ugicurire ikintu c’insobane kimeze bga rusenga, ugicuze mu miringa; kand’ ico kintu kimeze nk’urusenga, uz’ ugitērekw ibigombo bine ku nkokora zaco ukw ari zine, ubicuze mu miringa. 5Ugishire musi y’ igikugīrwa gikīkūje ico gicaniro, kugira ngo gihēre hasi, kigarukire ahacagatije ico gicaniro nyene. 6Kand’ uz’ ubāzire ico gicaniro iminiho, iyo miniho uyibāze mu giti c’umushita, uyomekekw imiringa. 7Iyo miniho yaco ize yinjizwe mur’ ivyo bigombo, ibe mu mbavu zaco zompi mu kukirerura. 8Uz’ ukibāze mu mbaho, ukigire igisamāre: nk’uk’ uvyerekewe kur’ uyu musozi, az’ abe ari ko bakibāza.
Ivy’ urugo rw’ihema
9Kand’ uz’ ukore urugo rw’ iryo hema: ku ruhande ruhera i bumanuko, urwo rugo ruze rube urw’ impuzu zibamvye, zijishwe mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza, uburebure bgazo bg’amakika yo kur’ urwo ruhande buze bube amatambge ijana y’ ukuboko uciriye mu nkokora. 10Ibirimbi zimanitsweko bize bibe mirongwibiri, n’ibitereko vyavyo vyo kubinegamwo bibe mirongwibiri nyene, bicuzwe mu miringa: imisumari yo kuri vyo iz’ icurwe mw ifeza, bo n’imitambikwa yo kuri vyo. 11No ku ruhande ruhera i burārūko n’uko, haze habe impuzu zibamvye, uburebure bgazo bg’amakika buze bube amatambge ijana nyene, n’ibirimbi vyazo bize bibe mirongwibiri, n’ibitereko vyavyo bibe mirongwibiri nyene bicuzwe mu miringa; imisumari yo kuri vyo iz’ icurwe mw ifeza, bo n’imitambikwa yo kuri vyo. 12Kand’ ubgaguke bg’ urwo rugo, ahahera i burengerazuba, haze habe impuzu zibamvye z’amatambge mirongwitanu, ibirimbi vyazo bize bibe cumi, n’ibitereko vyavyo bibe cumi nyene. 13Kand’ ubgaguke bg’urwo rugo, ahahera i burasirazuba, buze bube amatambge mirongwitanu. 14Ku ruhande rumwe ruhera kw irembo haze habe impuzu zibamvye z’amatambge cumi n’atanu; ibirimbi vyazo bize bibe bitatu, n’ibitereko vyavyo bibe bitatu nyene. 15Ku rundi ruhande haze habe impuzu zibamvye z’amatambge cumi n’atanu; ibirimbi vyazo bize bibe bitatu, n’ibitereko vyavyo bibe bitatu nyene. 16Kand’ irembo ry’ urwo rugo rize rigire igihuzu co kuhakinga c’amatambge mirongwibiri, kijishwe mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’agahama, no mu zera derere nziza zihinzwe neza, kijererenzwekw amabara n’abahinga; bo n’ ibirimbi bine bitambagije, n’ibitereko vyavyo bine nyene. 17Ibirimbi vyose vy’urwo rugo vy’ impande zose bize bifatanywe n’ imitambikwa icuzwe mw ifeza, n’imisumari yo kuri vyo ibe ifeza nyene, n’ibitereko vyavyo vyo kubinegamwo bicurwe mu miringa. 18Uburebure bg’ amakika y’urwo rugo impande zompi buze bube amatambge ijana, n’ ubgaguke bgarwo bg’amakika buze bube amatambge mirongwitanu impande zompi, uburebure bgarwo bg’igihagararo buze bube amatambge atanu, ruze rube urw’ impuzu zijishwe mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza, kand’ ibitereko vy’ibirimbi vyarwo bize bicurwe mu miringa. 19Ibikoreshwa vyose vy’iryo hema vy’ ibikorwa vyaryo vyose, bo n’imambo zaryo zose, n’imambo zose z’urugo, bize bicurwe mu miringa.
Ivy’ amavuta y’itara
20 # Lew 24:1-3. Kand’ uz’ ubarire Abisirayeli bakuzanire amavuta y’umwisengesure avuye muri elayo zisekuwe, ya ca giterekwakw amatara, kugira ngo haze hame har’ itara ryaka. 21Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.

Currently Selected:

Kuvayo 27: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in