Kuvayo 11
11
Mose avuga ivyo kuzokwicwa kw’ abana b’imfura
1 #
Kuv 12:31, 33, 39. Uhoraho abarira Mose, ati Hasigaye icago kimwe nzorekurira kuri Farawo no ku Banyegiputa: hanyuma azobarekura mugende. Kand’ igihe azobarekura, mber’ azonabirukana. 2#Kuv 3:22; 12:35.None rero barira abantu, umugabo wese asabe umubanyi wiwe, n’umugore wese asabe umubanyi wiwe, babasabe utugenegene tw’ ifeza n’utw’ izahabu. 3#Kuv 3:21; 12:36.Uhoraho aha ubgo bgoko kurābga neza n’Abanyegiputa. Bitayeko uwo mugabo Mose na we yar’ umuntu ahambaye mu gihugu ca Egiputa, mu maso y’abanyarugo ba Farawo, no mu maso y’abandi bantu.
4 #
Kuv 12:12, 29. Mose aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Nko mu gicugu azonyuranganya hose muri Egiputa: 5abana b’imfura bose bo mu gihugu ca Egiputa bapfe, uhereye ku mfura ya Farawo nyen’ ingoma, ukageza ku mfura y’umuguranokazi w’umusyi; kandi n’ivy’ uburiza vyose vy’ ibitunzwe bizopfa. 6#Am 5:16, 17.Hazocura umuborogo mwinshi mu gihugu cose ca Egiputa, utigeze kubaho, kandi ntihazokwongera kuba ūngana nk’uwo. 7#Kuv 8:22; Yos 10:21.Ariko mu Bisirayeli nta n’umwe azogira ico aba, ar’ umuntu cank’ igitungano, haba n’uwo imbga izogwangwarira: kugira ngo mumenye yuk’ Uhoraho yashizeh’ itandukaniro hagati y’ Abanyegiputa n’Abisirayeli. 8Kand’ aba banyarugo bawe bose bazomanuka baze iyo ndi, bankomere ibōbo, bati N’ugende, mwe n’abantu bose bagukondoreye inyuma. Aho ni ho nzoca ngenda. Nuko Mose arasohoka ava imbere ya Farawo, aratse cane.
9 #
Kuv 7:3, 4. Uhoraho abarira Mose, ati Farawo ntazobumvira; kand’ ivyo bizotuma ibitangaza vyanje bigwira mu gihugu ca Egiputa. 10#Kuv 4:21.Kandi Mose na Aroni bakoreye ivyo bitangaza vyose imbere ya Farawo: arik’ Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, ntiyarekura Abisirayeli ngo bagende, bave mu gihugu ciwe.
Currently Selected:
Kuvayo 11: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967