YouVersion Logo
Search Icon

Daniyeli 7

7
Daniyeli arota ibikōko bine
1Mu mwaka wa mbere Belushaza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Daniyeli yarose inzozi, abona ivyo yerekewe mu mutwe, ari ku buriri bgiwe. Maze yandika ivyo yarose, arobanuramw’ ingingo zavyo zikomeye. 2#Ivyah 7:1.Nuko Daniyeli aravuga, ati Mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya, mbona imiyaga ine yo mu kirēre isenyeranira ku kiyaga kinini. 3#Ivyah 13:1.Mur’ ico kiyaga hiburukamw’ ibikōko binini bine bidasangiye ubgoko. 4Ica mbere casa n’intambge, kandi cari gifise amababa nk’ay’ inkukuma; ndacitegereza, gushitsa ah’ ivyubi vyaco bihanyuwe, gikūrwa hasi, gihagarikwa ku maguru, cēma nk’umuntu, kandi gihabga umutima nk’uw’ umuntu. 5#Dan 2:39.Ndongera mbona ikindi gikōko ca kabiri gisa n’icitwa idubu; cari gihengarariye uruhande rumwe, cari gifashe amagufa atatu y’ imbavu mu kanwa, mu mihāha yaco. Barakibgira, bati Va hasi urye inyama nyinshi. 6#Ivyah 13:2.Hanyuma y’ivyo mbona ikindi gikōko gisa n’ingwe; mu mbavu zaco cari gifise amababa ane, nk’ay’ igisīga; kand’ ico gikōko cari gifise imitwe ine; gihabga inganji. 7#Ivyah 11:7; 13:1.Hanyuma y’ivyo, mu vyo neretswe mw ijoro ngira ntya mbona igikōko ca kane, giteye ubgoba c’ubuyobe, kandi c’inkomezi nyinshi; cari gifise imihāha minini y’ivyuma; kiratabagura, kirajanjanga; ibisigaye kibisiribangisha amajanja yaco. Cari gifise itandukaniro n’ ibindi bikōko vyose vyacitangiye imbere; kandi cari gifise amahembe cumi. 8#Dan 8:9; Ivyah 13:5, 6.Nitegereje ayo mahembe, mbona muri yo hameze akandi gahembe gatoya. Imbere yako hakūrwa amahembe atatu mu yar’ asanzwe. Maz’ ako gahembe nkabonakw amaso asa n’ay’ umuntu, n’akanwa kavuga ibihambaye.
Daniyeli abona Uwa mbere na mbere anesha vya bikōko
9 # 1 Abam 22:19; Zab 90:2; Ezk 1:16; 10:9; Mat 19:28; 28:3; Ivyah 1:14; 20:4. Nkomeza kwitegereza, bakiriko barashirah’ intebe z’ubgami; maze haza Uwa mbere na mbere, aravyagira. Imyambaro yiwe yera nka shelegi#7:9 shelegi n’ikintu coroshe cera, gikoroka hasi nk’imvura, gikanye cane. kand’ umushatsi wiwe wasa n’ubgoya bg’intama yera derere; intebe y’ubgami bgiwe yari nk’ibirimi vy’umuriro, kand’ amakurudumu yayo yari nk’umuriro waka. 10#Zab 50:3; Heb 12:22; Ivyah 5:11; 11:18; 20:12.Uruzi rw’ umuriro rwiburuka ruva imbere yiwe; ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kand’ amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yiwe. Imanza zirashingwa, ibitabo birazingururwa. 11#Ivyah 13:5, 6; 19:20; 20:10.Naritegereje ico gihe kubg’ ijwi rya ya magambo yo kwihayagiza ka gahembe kāvuga; nkiriko nditegereza, ca gikōko kiricwa, umuvyimba waco uraherengetera, utābga mu muriro urayigira. 12Kandi na vya bikōko bindi, inganji yavyo birayakwa: ariko vyongerwa ukubaho gushitsa igihe kinaka. 13#Mrk 13:26; 14:62; Yoh 5:27; 12:34; Ivyah 1:7, 13; 14:14.Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza. 14#Zab 110:1, 2; Yes 9:6, 7; Dan 2:44; Mat 28:18; Luk 1:33; Ivyah 11:15.Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.
Daniyeli asobanurirwa inzozi yarose
15Maze jewe Daniyeli, umutima untunturiramwo, uhagarikwa n’ ivyo nabonye nerekewe mu mutwe. 16Nuko nēgēra umwe mu bari bahagazeho, ndamwinginga ngw ambarire ivy’ ukuri vyo mur’ ivyo vyose; arabimbgira, ammenyesha uko bisobanurwa. 17At’ Ivyo bikōko binini ukw ari bine, ni bo bami bane bazokwaduka bazukurutse mw isi. 18#Mat 25:34; 1 Kor 6:2; Ivyah 2:26; 20:4; 22:5.Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira. 19Maze nca nifuza kumenya ivy’ ukuri vy’igikōko ca kane cari gifise itandukaniro na vya bindi vyose, kigatera ubgoba butavugwa, gifise imihāha y’ivyuma n’ ivyāra vy’imiringa, cātabagura kikajanjanga, ibisigaye kikabisiribangisha amajanja yaco. 20Kandi nifuza kumenya ivya ya mahembe cumi yari mu mutwe waco, n’ivya rya rindi ryamera, rigatembagaza ya yandi atatu, ni ryo rya hembe ryari rifise amaso, n’akanwa kihayagiza, ryaboneka kw ari rinini kurusha ayandi magenzi yaryo. 21#Ivyah 11:7; 13:7.Maze nitegereje mbona iryo hembe rirwanya abera, rirabanesha, 22gushitsa Uwa mbere na mbere aje, atsindishiriza abera b’Īsumba vyose; nukw igihe kirashika, abera begukira ubgami. 23Maze wa wundi arambarira, at’ Ico gikōko ca kane kizoba ubgami bga kane kw isi, kandi buzoba bufise itandukaniro n’ubundi bgami bgose, buzotabagura isi yose, buyisiribange, buyijanjange. 24#Ivyah 17:12.Kandi ku vy’ayo mahembe cumi, mur’ ubgo bgami hazokwadukamw’ abami cumi; maze mu nyuma zabo hazoza uwundi mwami; ariko we azogira itandukaniro n’aba mbere, kand’ azonesha abami batatu. 25#Dan 11:36; 12:7; Ivyah 12:14.Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira. 26#Dan 7:10.Arikw imanza zizoshingwa, bamwake ingoma yiwe, bayikombore, bayihenebereze, gushitsa ku muhero. 27#Dan 2:44; Ivyah 11:15.Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire. 28#Dan 8:27; Luk 2:19, 51.Ayo majambo agarukiye aho. Ariko jewe Daniyeli ivyiyumviro vyanje bimpagarika umutima, mu maso hanje harahindurira; arikw ayo majambo ndayabīka mu mutima wanje.

Currently Selected:

Daniyeli 7: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in