Daniyeli 5
5
Belushaza abona intoke zandika ku gisika c’inzu
1Umwami Belushaza arondeza amazimano menshi, atumira abaganwa biwe igihumbi, na we yuhira igiturire ar’ imbere yabo. 2#Dan 1:2.Maze Belushaza ahimvye igiturire, ahamagaza ibintu vy’imbombovu vy’izahabu n’ifeza, ivyo se Nebukadineza yari yaranyaze mu rusengero rw’i Yerusalemu, kugira ng’ umwami n’abaganwa biwe n’abamikazi biwe n’incoreke ziwe z’intoni babinyweremwo. 3Nuko bazana ivyo bintu vy’izahabu vyari vyaranyazwe mu rusengero mu ngoro y’Imana i Yerusalemu; maz’ umwami n’abaganwa biwe n’abamikazi biwe n’ incoreke ziwe z’intoni babinyweramwo: 4#Zab 115:4-7; 135:15-17; Ivyah 9:20.banywa ibiturire, bahimbaza imana z’izahabu n’iz’ ifeza n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye. 5Buno nyene haboneka intoke z’umuntu zandika ku gihome c’igisika mu ngoro y’umwami, ahahanganye n’igiteretswekw amatara; umwami abona ico gihimba c’igikonjo candika. 6#Nah 2:10.Maze mu nyonga h’ umwami harahindurira, ivyiyumviro vyiwe bimuhagarika umutima; ingingo z’amatako yiwe ziradohoka, amavi arakomangana. 7#Ita 41:42; Dan 4:6.Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu. 8#Ita 41:8; Dan 4:7, 18.Maz’ abanyabgenge bose b’umwami baca barinjira: ariko birabananira gusoma iyo nyandiko, no kumenyesha umwami ukw isobanurwa. 9Maz’ umwami Belushaza aranduka umutima, mu nyonga hiwe harahindurira, abaganwa biwe bagwa igihumura.
10 #
Dan 2:4. Maz’ umugabekazi, yumvise amajambo y’umwami n’abaganwa biwe, yinjira mu nzu y’amazimano, aravuga, ati Mugenzi nyaguhoraho, nta co uhagarika umutima, ngo mu nyonga hawe hahindurire: 11#Dan 2:48; 4:8, 9.kuko mu gihugu cawe har’ umuntu arimw’ impwemu z’imana zera. Kandi ku ngoma ya so umuco no gutahura n’ubgenge buhwanye n’ubgenge bg’izo mana vyabonetse muri we. Kandi so umwami Nebukadineza, umwami so yakuvyaye, yamugize umukuru w’abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi; 12#Dan 1:7.kuko mur’ uwo muntu Daniyeli uwo umwami yise Beluteshaza, hābonetsemw’ ubgenge bg’agahebuza no kumenya no gutahura no gusobanura inzozi no kumenya amajambo ahiritswe, yabaye gasobanuzi k’ibisobanye. Enda rero, ni bahamagare Daniyeli, na we aravuga uko bisobanurwa.
Daniyeli asoma iyo nyandiko, ayisobanurira umwami
13Nuko Daniyeli bamurengukana imbere y’umwami. Umwami abaza Daniyeli, ati Mbega ni wewe Daniyeli wo mu banyagano b’Abayuda, umwami data yanyaze i Buyuda? 14#Dan 1:20.Numvise bakuvuga ngw impwemu z’imana ziri muri wewe, kandi ng’ umuco no gutahura n’ubgenge bg’agahebuza bikubonekamwo. 15Kandi bari bamaze kunzanira abanyabgenge b’abapfumu kugira ngo bansomere iyo nyandiko, bammenyeshe ukw isobanurwa; ariko ntibashoboye kuvuga uko bisobanurwa. 16Ariko numvise weho k’ushobora gusobanura ibintu, kandi k’uri gasobanuzi k’ibisobanye: nuko rero ni washobora kunsomera iyo nyandiko, no kummenyesha ukw isobanurwa, urambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kand’ uzoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.
17 #
2 Abam 5:16. Daniyeli yishura umwami, at’ Ingabire zawe n’uzigumirize, kand’ impēra zawe uzihe uwundi. Ariko ndasomera umwami iyo nyandiko, ndamumenyeshe ukw isobanurwa. 18#Dan 2:37; 3:26.Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro. 19Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye. 20#Ezk 31:10, 11; Dan 4:30, 31; Ivyak 12:23.Ariko yishize hejuru, yikomantaje umutima bimuteye gukoresha ubugabo, ataramurwa ku ngoma, kandi bamwāka icubahiro ciwe. 21#Dan 4:25, 32.Nuko yirukanwa mu bantu, umutima wiwe uhindurwa nk’uw’ ibikōko, aba hamwe n’indogoba z’inyeshamba, arisha nk’inka, kand’ umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre; gushitsa aho yamenyeye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabgimikamw’ uwo igomba wese. 22Ariko nawe, Belushaza, umwana wiwe, ntiwicishije bugufi mu mutima wawe, naho war’ uzi ivyo vyose; 23#Yob 12:10; Zab 135:15-17; Yer 10:23; Dan 1:2; 4:37; Ivyak 12:23; Ivyah 9:20.ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro. 24Maz’ ico gihimba c’igikonjo kirarungikwa, kivuye kuri yo, iyo nyandiko irandikwa. 25Kand’ inyandiko yanditswe n’iyi: Mene, Mene, Tekel, Ufarsin. #5:25 Bisobanurwa, ngo Vyaharūwe, vyaharūwe, vyagezwe, biba ibigabangane. 26Kand’ ukw ivyo bisobanurwa n’uku: Mene, risobanurwa ngw Imana iharūye imyaka umaze uri ku ngoma, iyishizekw iherezo. 27#Yob 31:6; Zab 62:9.Tekel, risobanurwa ngo Wagezwe ku munzane, basanga ntushitse. 28#Yes 13:17; Yer 51:11.Peres, #5:28 Risobanurwa, ngo Vyagabanganywe. risobanurwa ng’ Ubgami bgawe buragabanganywe, buhawe Abamedi n’ Abaperesi. 29#Est 8:15; Dan 5:7.Maze Belushaza agera ko bambika Daniyeli impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’izahabu mw izosi, kandi ko bamamaza kw azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.
30 #
Yer 50:24; 51:31. Maze mur’ iryo joro nyene Belushaza umwami w’i Bukaludaya aricwa. 31#Dan 9:1.Ubgo bgami buhabga Dariyo Umumedi, yar’ amaze imyaka nka mirongwitandatu n’ibiri y’amavuka.
Currently Selected:
Daniyeli 5: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967