YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe N’intumwa 9

9
Yesu yiyerekera Sauli mu nzira ija i Damasiko
1 # Ivyak 8:3. Ariko Sauli, akigenda afuhagira, afitiye abigishwa b’Umwami imihigo n’ubgicanyi, aja ku muherezi mukuru,#Ivyak 22:3-21; 26:9-20. 2amusaba ivyete vyo guha ab’ amasinagogi y’i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikira Inzira ya Yesu, ar’ abagabo cank’ abagore, abajane i Yerusalemu mu ngoyi. 3#1 Kor 15:8.Maz’ arikw aragenda, agira ashike i Damasiko, haza umuco giturumbuka, uvuye mw ijuru, umukayanganira irya n’ino. 4Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki? 5#Ivyak 5:39.Aramubaza, at’ Uri nde ga Mwami? Na we ati Ni jewe Yesu, uwo urik’ urahīga; 6ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora. 7Abagabo bajanye na we bahagarara badakoma, kuko bumvise ijwi, ata muntu babona. 8Sauli aravyuka, ava hasi, maz’ akanuye amaso ntiyagira ic’ abona: bamufata ukuboko, bamushikana i Damasiko. 9Amarayo gatatu, atabona, ata co arya, ata co anywa.
Ananiya abatiza Sauli
10 # Ivyak 10:17; 16:9. I Damasiko hār’ umwigishwa yitwa Ananiya: Umwami Yesu aramwiyereka, aramuhamagara, ati Ananiya. Na we ati Sabge, Mwami. 11#Ivyak 21:39.Umwami aramubarira, ati Va hasi, uje mu nzira yitwa Igororotse, ubarizeyo mu rugo kwa Yuda umuntu yitwa Sauli w’i Taruso, kukw arikw arasenga. 12Kandi yabonye umuntu yitwa Ananiya yinjira ah’ ari, amurambikakw ibiganza, kugira ngw ahumūke. 13Ananiya aramwishura, ati Mwami, uwo mugabo ko numvise benshi bavuga ivyiwe, vy’inabi nyinshi yagirira abera bawe i Yerusalemu: 14#1 Kor 1:2; Ivyak 22:16; 2 Tim 2:22.kandi n’ino ahafise ububasha abuhāwe n’abaherezi bakuru, bgo kuboha abambaza izina ryawe bose. 15#Rom 1:5; Ivyak 25:13; 27:24; 2 Kor 4:7.Umwami aramwishura, ati Pfa kugenda, kuk’ uwo muntu ar’ ikintu nītoranirije, ngw ajane izina ryanje imbere y’abanyamahanga n’abami n’Abisirayeli: 16#Ivyak 23:29; 2 Kor 11:23-28.nanje nzomwereka imibabaro ukw ingana azoba akwiye kubabazwa ahōrwa izina ryanje. 17Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera. 18Uwo mwanya ibisa n’ibikaragashi bimuva ku maso, arahumūka, ava hasi, arabatizwa: 19maz’ ararya, intege ziragaruka.
Amarana imisi n’abigishwa b’i Damasiko; 20aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana. 21#Ivyak 8:1; 9:1, 14; 26:10.Abamwumvise bose barūmirwa, bati Mbeg’ uyu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu? Kandi ni co cari kimuzanye n’ino, kugira ngw abashīre abaherezi bakuru bari mu ngoyi. 22#Ivyak 18:28.Ariko Sauli arushiriza kugira ubushobozi, atsinda Abayuda baba i Damasiko, abereka yuko Yesu ari we Kristo.
Sauli ahungira i Yerusalemu
23 # Ivyak 23:12-29. Hashize imisi myinshi, Abayuda baja inama yo kumwica: 24#Ivyak 23:16.maze Sauli amenya inama yabo. Bamutegera ku marembo ku murango no mw ijoro kugira ngo bamwice. 25#2 Kor 11:32, 33.Maz’ abigishwa biwe bamujana mw ijoro, bamucisha mu ruzitiro rw’amabuye, bamwururukirije mu gisangaza.
26 # Gal 1:17-19. Ashitse i Yerusalemu, agerageza kwifatanya n’abigishwa: bose baramutinya, ntibemera kw ar’ umwigishwa. 27#Ivyak 9:20.Maze Barunaba aramwākīra, amushīra intumwa, azīgānira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n’ingene yavuganye na we, kandi n’ingene yavuze ashize amanga mw izina rya Yesu i Damasiko. 28Aba kumwe na bo amaja n’amaza i Yerusalemu, 29avuga ashize amanga mw izina ry’Umwami Yesu; yaravuga ahārīra n’Abayuda bāvuye i Bugiriki: na bo barondera ingene bomwica. 30#Ivyak 11:25; Gal 1:21.Ariko bene Data babimenye, bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.
Petero akiza Ayineya
31Nukw ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira.
32Nuko Petero agendagenda hose, amanuka no ku bera baba i Luda, 33asangay’ umuntu yitwa Ayineya, yar’ amaze imyaka munani avunda mu buriri, kuko yari yaramugaye. 34Petero aramubgira, ati Ayineya, Yesu Kristo aragukijije: vyuka, wizingire ikirago. Aca avyuka ako kanya. 35Ababa i Luda n’i Saroni bose bamubonye bahindukirira Umwami Yesu.
Petero azura Tabita
36Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka:#9:36 Doruka: mu Kigiriki risobanurwa ngo Fumbere. uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira. 37Mur’ iyo misi ararwara, arapfa: bamaze kwuhagira ikiziga, bagishira mu nzu yo hejuru. 38Kandi kukw i Luda hāri hafi y’i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumakw abantu babiri, bamwinginga, bati Ntutebe kudushikīra. 39Petero arikora, ajana na bo: ashitseyo bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo. 40#Mrk 5:40, 41.Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara. 41#Ivyak 9:32.Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima. 42Bimenyekana i Yopa hose, benshi bizera Umwami Yesu. 43#Ivyak 10:6.Maz’ amara imisi myinshi i Yopa, kwa Simoni umuhazi w’insāto.

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in