1
Zefaniya 3:17
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
UHORAHO Imana yawe ari kumwe nawe, ni umuhizi mu ntambara, ashoboye gukiza. Azogira umunezero mwinshi ku bwawe, mu rukundo rwiwe, ntazokwongera kugukankamira, ariko, azokunezererwa akoresheje indirimbo.
Compare
Explore Zefaniya 3:17
2
Zefaniya 3:20
Ico gihe ni ho nzobegeraniriza hamwe; kandi ico gihe ni ho nzobatahana i muhira. Nzobahesha icubahiro n’ishimwe mu mahanga yose yo kw’isi, igihe nzobasubiza ubutunzi bwanyu mukavyibonera n’amaso yanyu,” ni ko UHORAHO avuze.
Explore Zefaniya 3:20
3
Zefaniya 3:15
Kuko UHORAHO yagukuyeko igihano, yasubije inyuma abansi bawe. UHORAHO, Imana ya Isirayeli, ari kumwe nawe; nta kibi uzosubira gutinya.
Explore Zefaniya 3:15
4
Zefaniya 3:19
Ico gihe nzohana abo bose babacinyiza, kandi nzokiza abacumbagira; nzokoraniriza hamwe abajanywe mu kinyago. Nzobahesha ishimwe n’icubahiro mu mahanga yose aho babaye bababazwa n’ibiteterwe.
Explore Zefaniya 3:19