1
Zakariya 9:9
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Nezerwa cane Mukobwa w’i Siyoni! Ushire ijwi ryawe hejuru, Mukobwa w’i Yerusalemu! Raba, umwami wawe arakugendeye, ni umugororotsi kandi afise intsinzi, yicishije bugufi kandi agendera ku ndogoba, mbere aje ku nyana yayo.
Compare
Explore Zakariya 9:9
2
Zakariya 9:10
Nzokuraho imikogote muri Efurayimu n’amafarasi y’intambara ndayakure muri Yerusalemu, nzovunagura n’imiheto yo ku rugamba. Azovuga ivy’amahoro mu mahanga. Ukuganza kwiwe kuzova ku kiyaga gushike ku kindi no kuva ku ruzi Efurate gushika ku mpera z’isi.
Explore Zakariya 9:10
3
Zakariya 9:16
UHORAHO Imana yabo azotabara abantu biwe kuri uwo musi nk’uko umwungere atabara imikuku yiwe. Bazokayangana mu gihugu ciwe nk’amabuye y’igiciro ari ku rugori.
Explore Zakariya 9:16