1
Zakariya 4:6
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Nuko aca ambwira ati: “Iri ni ijambo ry’UHORAHO utumwe kubwira Zerubabeli uti: ‘Si ku bw’inkomezi canke ku bw’ubushobozi, ariko ni ku bwa Mpwemu wanje,’ ni ko UHORAHO Mushoboravyose avuze.
Compare
Explore Zakariya 4:6
2
Zakariya 4:10
Uri nde wewe wubahuka kugaya ibintu kuko bikiri bito biri mu ntango? Nayo arya matara indwi yerekana inyonga z’UHORAHO zigendagenda mw’isi yose, kandi azonezerwa abonye karisho mu kuboko kwa Zerubabeli?”
Explore Zakariya 4:10
3
Zakariya 4:9
“Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashizeho urufatiro rw’uru rusengero; kandi amaboko yiwe ni yo azorusozera. Maze muzomenya ko UHORAHO Mushoboravyose ari we yabantumyeko.
Explore Zakariya 4:9