Aya ni amajambo yahawe Amosi, umwungere w’i Tekowa i Buyuda. Ayo majambo yayaronse mu vyo yeretswe imyaka ibiri imbere y’uko haba nyamugigima, hakaba hari ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, n’iya Yerobowamu mwene Yowashi umwami wa Isirayeli.
Yavuze ati:
“UHORAHO yivuze ari i Siyoni
aturagara ari i Yerusalemu;
uburagiro bw’abungere buruma,
kandi ku gatwe ka Karumeli harakabirana.”