Amosi 1:1-2
Amosi 1:1-2 BKC
Aya ni amajambo yahawe Amosi, umwungere w’i Tekowa i Buyuda. Ayo majambo yayaronse mu vyo yeretswe imyaka ibiri imbere y’uko haba nyamugigima, hakaba hari ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, n’iya Yerobowamu mwene Yowashi umwami wa Isirayeli. Yavuze ati: “UHORAHO yivuze ari i Siyoni aturagara ari i Yerusalemu; uburagiro bw’abungere buruma, kandi ku gatwe ka Karumeli harakabirana.”





