Ariko, Īshobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane, ni yo Mana imwe yonyene, Umukiza wacu yadukirishije Yesu Kristo Umwami wacu, ubgiza n’icubahiro n’inganji n’ububasha bibe ivyayo, uhereye kera hose, na bugingo n’ubu, ugashitsa ibihe bidashira. Amen.