Daniyeli aravuga, at’ Izina ry’Imana riragahimbazwa ibihe bitazoshira, kuk’ ubgenge n’ubushobozi ar’ ivyayo: ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya; ni yo ihishura ivy’ amabanga y’iyo bihera; ni yo izi ibiri mu mwiza, kand’ umuco ubana na yo.