1
Daniyeli 1:8
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye.
Compare
Explore Daniyeli 1:8
2
Daniyeli 1:17
Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.
Explore Daniyeli 1:17
3
Daniyeli 1:9
Nukw Imana ituma Daniyeli akundwa n’umukuru w’inkone, amutera imbabazi.
Explore Daniyeli 1:9
4
Daniyeli 1:20
Mw ijambo ryose ry’ubgenge no kumenya, ico umwami yababaza, yasanga barusha abanyamarēba n’abapfumu bose bo mu gihugu ciwe cose ibihetangabo cumi.
Explore Daniyeli 1:20