YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 2

2
1Uko ni ko iremwa ry’isi n’ijuru n’ibintu vyose biri muri vyo ryarangiye.
2Ku musi ugira indwi, Imana yari yamaze kurangiza igikorwa cayo co kurema. Nuko kuri uwo musi iraruhuka ibikorwa vyayo vyose. 3Imana ihezagira umusi ugira indwi iraweza, kuko kuri uwo musi yaruhutse igikorwa cayo c’irema.
4Iyi ni yo nkuru y’iremwa ry’isi n’ijuru. Uhoraho Imana ni we yaremye isi n’ijuru.
5Nta bimera ku misozi vyari bwamere kw’isi kandi nta biti vyari bwakure, kuko Uhoraho Imana atari bwarungike imvura kw’isi, kandi nta muntu yari ahari wo kuyirima. 6Ariko imigezi yiburuka iva mu kuzimu ikavomera isi. 7Nuko Uhoraho Imana arema umuntu mu mukungugu wo hasi, ahumekera impwemu y’ubuzima mu mazuru yiwe, maze wa muntu aca aba uwufise ubuzima.
8Nuko Uhoraho Imana ategura itongo muri Edeni, ku ruhande rwo mu buseruko; aba ari ho ashira wa muntu yarema. 9Uhoraho Imana ameza ibiti vy’ubwoko bwose muri iryo tongo, ibiti bibereye ijisho kandi vyama ivyamwa biryoshe. Hagati muri iryo tongo ahashira igiti c’ubugingo n’igiti co kumenyekanisha iciza n’ikibi.
10Uruzi rwavomera iryo tongo rwatemba ruva muri Edeni, rukigaburamwo inzuzi zine. 11Uruzi rwa mbere rwitwa Pishoni, urwo rwatemba mu karere kose ka Havila, ahari inzahabu. 12Inzahabu zo muri ako karere ni nziza cane. Hari kandi n’ibimota neza bidasanzwe, n’ayandi mabuye y’agaciro bita onigisi. 13Uruzi rwa kabiri rwitwa Gihoni rwatembera mu karere ka Kushi. 14Uruzi wa gatatu rwitwa Tigiri. Urwo na rwo rwatemba rwerekeye mu buseruko bwa Ashuri. Uruzi rwa kane rwitwa Efurate.
15 Uhoraho Imana ashira wa muntu mw’itongo rya Edeni kugira ngo aririme yongere arizigame. 16Ariko Uhoraho Imana agabisha wa muntu ati: “Urashobora kurya ku vyamwa vy’igiti cose kiri muri iri tongo. 17Ariko ntiwemerewe kurya ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi, kuko umusi wakiriyeko uzopfa nta kabuza.”
18 Uhoraho Imana aravuga ati: “Si vyiza ko umuntu yibana wenyene. Ngira ndamuronderere umufasha bakwiranye.”
19Nuko Uhoraho Imana arema mw’ivu ibikoko vyose vyo mw’ishamba n’inyoni zose zo mu kirere, vyose abicisha imbere ya wa muntu kugira ngo avyite amazina, kandi uko yita ikiri n’ubuzima cose, ryaca riba izina ryaco. 20Yise amazina ibikoko vyose vy’ibitungwa, inyoni zose zo mu kirere n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba.
Ariko uwo muntu ntiyashoboye kuronkamwo umufasha bakwiranye. 21Nuko Uhoraho Imana asinziriza wa muntu ubutikoma. Agisinziriye, amukuramwo urubavu rumwe, maze muri ico kibanza ruvuyemwo ahuzuza inyama. 22Maze Uhoraho Imana abumba umugore muri urwo rubavu, araheza amuzanira wa mugabo.
23Wa mugabo aca aravuga ati:
“Iri ni igufa ryo mu magufa yanje,
ni agace k’umubiri wanje!
Azokwitwa ‘umugore’
kuko yakuwe mu mugabo.”
24Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze bakaba umubiri umwe.
25Uwo mugabo n’uwo mugore bari gusa, ariko nta soni vyabatera.

Currently Selected:

Itanguriro 2: OBKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in