YouVersion Logo
Search Icon

Zefaniya 3

3
Ubugarariji bwa Yerusalemu no gucungurwa kwaho
1Uzobona ibara wa gisagara c’abacinyiza,
bagarariza kandi banduye!
2Nta n’umwe cumvira,
kandi nticemera guhanwa.
Nticizera Imana,
kandi ntikinemera kumwegera.
3Abaganwa bari imbere muri co
bameze nk’intambwe ziroha;
abatware baho na bo ni nk’amabingira y’umugoroba,
ata kintu na kimwe asigariza ejo.
4Abavugishwa baco nta co bubaha;
ni abanyabinyoma.
Abaherezi baco bahumanya ahera h’urusengero
bakarenga ivyagezwe vy’Uhoraho ibigirankana.
5 Uhoraho aba muri co ni umugororotsi,
nta kibi kiri muri we.
Uko bukeye aca imanza zibereye,
kandi uko uwundi musi uje ntarambirwa,
ariko ababi ntibaterwa n’isoni.
Yerusalemu yanka kwihana
6“Nahoneje amahanga menshi,
nsenyagura ibihome biyakingira n’iminara yabo.
Amabarabara yabo nsiga ari nk’ubugaragwa,
ata muntu n’umwe akiyacamwo.
Ibisagara vyabo vyarasenyutse,
ni nk’ubugaragwa nta muntu aharangwa.
7Yewe Yerusalemu, nariyumviriye nti:
‘Mu vy’ukuri uzonyubaha,
wemere gutozwa indero!’
Maze ikibanza c’ubuhungiro bwabo kibone ingene kizigamwa,
kandi n’ibihano vyanje vyose ntibibashikeko.
Ariko na ho nyene bagumanye ishaka ryinshi
ryo kwama bakora ibibi.
8None rero nimurindire gatoya,” ni ko Uhoraho avuze,
“mu gihe gito nzohaguruka ndabagirize.
Namaze gufata ingingo yo kwegeranya amahanga,
kwegeranya ubwami bwose,
ngo ndabimarireko ishavu,
ndabasukeko uburake bwanje bwose.
Isi yose izotongorwa,
irigitwe n’umuriro w’ishari ryanje.
Inagurwa ry’amasigarira ya Isirayeli
9Maze nzokweza iminwa y’ubwoko bwose,
kugira ngo bose bashobore kwambaza izina ry’Uhoraho,
bamukorere bafatanye mu nda.
10Abashwiragiriye hakurya y’inzuzi zo muri Etiyopiya,
abanyambaza, abasabagiye banje,
bazonzanira amashikanwa.
11Kuri uwo musi, wewe Yerusalemu, ntuzokwongera kumaramazwa
n’ibibi mwankoreye,
kuko nzokura muri wewe
ab’amanyama bishira hejuru,
kandi ntimuzosubira kwishira hejuru
ku musozi wanje wera.
12Ariko nzosigaza muri mwebwe
abitonda n’abaciye bugufi.
Amasigarira ya Isirayeli
azokwizigira izina ry’Uhoraho.
13Nta kibi bazokora;
nta binyoma bazovuga;
ururimi rubesha,
ntiruzoba mu kanwa kabo.
Bazorya baryame,
kandi nta n’umwe azobatera ubwoba.”
14Ririmba, mukobwa w’i Siyoni we;
shira ijwi hejuru, Isirayeli we!
Nezerwa, uhimbarwe n’umutima wawe wose,
mukobwa Yerusalemu!
15Kuko Uhoraho yagukuyeko igihano,
yasubije inyuma abansi bawe.
Uhoraho, Imana ya Isirayeli, ari kumwe nawe;
nta kibi uzosubira gutinya.
16Kuri uwo musi
bazobwira Yerusalemu
bati: “Ntugire ubwoba, Siyoni;
ntureke amaboko yawe ngo adendebukirwe.
17 Uhoraho Imana yawe ari kumwe nawe,
ni umuhizi mu ntambara, ashoboye gukiza.
Azogira umunezero mwinshi ku bwawe,
mu rukundo rwiwe, ntazokwongera kugukankamira,
ariko, azokunezererwa akoresheje indirimbo.
18Nzokwegeraniriza muri wewe
abo bose bagandariye kubura ya misi mikuru yari yarashinzwe,
ntuzongera guteterwa.
19Ico gihe nzohana
abo bose babacinyiza,
kandi nzokiza abacumbagira;
nzokoraniriza hamwe abajanywe mu kinyago.
Nzobahesha ishimwe n’icubahiro
mu mahanga yose aho babaye bababazwa n’ibiteterwe.
20Ico gihe ni ho nzobegeraniriza hamwe;
kandi ico gihe ni ho nzobatahana i muhira.
Nzobahesha icubahiro n’ishimwe
mu mahanga yose yo kw’isi,
igihe nzobasubiza ubutunzi bwanyu
mukavyibonera n’amaso yanyu,”
ni ko Uhoraho avuze.

Currently Selected:

Zefaniya 3: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in