5
Umuzingo uguruka
1Ndasubira ndaraba, mbona imbere yanje umuzingo uguruka.
2Maze wa mumarayika arambaza ati: “Ubona iki?”
Ndamwishura nti: “Mbona umuzingo uguruka, ufise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure na cumi z’ubwaguke#5:2 Ni nk’imetero 9 z’uburebure n’imetero 4,5 z’ubwaguke..”
3Aca arambwira ati: “Uyu ni umuvumo ugiye mu gihugu cose; kuko nk’uko wanditseko ku ruhande rumwe, abasuma bose bazokwirukanwa bave mu gihugu, kandi nk’uko wanditseko ku rundi ruhande, abarahira ibinyoma bose bazokwirukanwa. 4Uhoraho Mushoboravyose avuze ati: ‘Nzowutuma usohoke, maze uzokwinjira mu nzu y’umusuma wese no mu nzu y’uwurahira ibinyoma wese mw’izina ryanje. Uzoguma muri iyo nzu kandi uzoyisambura yose, zaba imbaho, yaba n’amabuye ayubatse.’ ”
Umugore ari mu giseke
5Nuko umumarayika yari yamye avugana nanje aranyegera aza aho ndi arambwira ati: “Rangamiza urabe kirya kintu giserutse.”
6Ndamubaza nti: “Kirya ni igiki?”
Aranyishura ati: “Ni igiseke.” Arongerako ati: “Ico giseke cuzuye ukugabitanya kw’abantu bo muri iki gihugu cose.”
7Maze umupfundikizo waco ukozwe mu muringa ukurwaho, hanyuma mbona muri ca giseke umugore yicayemwo! 8Wa mumarayika aca ambwira ati: “Uyu ni ukugabitanya,” maze aca amutsindagira muri ca giseke aca ashirako wa mupfundikizo ukozwe mu muringa.
9Maze ntaramuye amaso, mbona imbere yanje abagore babiri, baguruka baza aho turi batekeye umuyaga mu mababa yabo! Bari bafise amababa nk’ay’agasoza, baca baterura ca giseke bagitwara mu kirere.
10Mbaza wa mumarayika yavugana nanje nti: “Mbega kirya giseke bakijanye he?”
11Anyishura ati: “Bakijanye mu gihugu c’i Babiloni aho bazocubakira ingoro. Iyo ngoro niyuzura, ico giseke bazogishira aho categuriwe kigaragare cane.”