YouVersion Logo
Search Icon

Zakariya 2

2
Umuntu afise umugozi wo gupima
1Maze nunamuye amaso, mbona umugabo imbere yanje afise umugozi mu ntoke. 2Ndamubaza nti: “Ugiye he?”
Aranyishura ati: “Ngiye gupima Yerusalemu, ngo ndabe ubwaguke n’uburebure bwaho.”
3Mu gihe wa mumarayika yariko aravugana nanje yari agiye, uwundi mumarayika araza barahura 4maze amubwira ati: “Iruka, ubwire urya musore uti: ‘Yerusalemu kizoba igisagara kitagira inzitiro kubera igitigiri kinini c’abantu n’ibitungwa bizokibamwo. 5Kandi jewe ubwanje nzohabera uruzitiro rw’umuriro ruhakikuje rwo kuhakingira,’ uko ni ko Uhoraho avuze, ‘kandi nzohabera n’ubwiza bw’imbere muri co!’ ”
6“Nimuze! Nimuze! Nimuhunge muve mu gihugu co mu buraruko,” ni ko Uhoraho avuze, “kuko nabashwiragirije mu birere bine umuyaga wo mu kirere utumberamwo,” ni ko Uhoraho avuze.
7“Nuze, yewe Siyoni! Hunga wewe uba ku mukobwa Babiloni!” 8Kuko uku ari ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Nyenubwiza amaze kuntuma kugwanya amahanga yabanyaze ivyanyu, kuko yavuze ko uwubakozeko aba akoze mu mbone y’ijisho ryiwe. 9Sinzogenda ntabanguriye ukuboko kwanje kuyagwanya kugira ngo abo bari baragize abagurano na bo babanyage ivyabo. Nuko muzomenya ko Uhoraho Mushoboravyose ari we yantumye.
10Shira akamo hejuru unezerwe, Mukobwa w’i Siyoni. Kuko ndiko ndaza, kandi nzoba hagati muri wewe,” ni ko Uhoraho avuze. 11“Amahanga menshi azokwifatanya n’Uhoraho kuri uwo musi kandi azohinduka abantu banje. Nzoba muri mwebwe namwe muzomenya ko Uhoraho Mushoboravyose ari we yabantumyeko. 12Uhoraho azoronka i Buyuda nk’umugabane wiwe mu gihugu cejejwe kandi azosubira gutoranya Yerusalemu. 13Tekerereza imbere y’Uhoraho, yemwe abafise umubiri mwese, kuko yikanguye ava ahera hiwe.”

Currently Selected:

Zakariya 2: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in