YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 13

13
Umugani w’umubivyi
1Uwo musi nyene, Yesu arasohoka ava mu nzu, aja ku nkengera y’ikiyaga, yicaraho. 2Ubwo nyene abantu benshi baca baza aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo; abantu na bo bahagarara ku musenyi. 3Maze abigisha vyinshi mu migani, avuga ati: “Umubivyi yagiye kubiba imbuto ziwe. 4Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, hanyuma inyoni ziraza zirazinobagura. 5Izindi na zo zigwa ku rutare, ahantu hatari ivu ryinshi; zica zimera ningoga, kuko ivu ryari rike. 6Ariko izuba ryatse, za mbuto zariko ziramera zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure. 7Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha. 8Hakaba rero n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ziramera, zirakura kandi zirama, zimwe zimbuka incuro ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu. 9Uwufise amatwi yumva niyumve!”
10Abigishwa biwe baramwegera baramubaza bati: “Ni kuki wigisha abantu ukoresheje imigani?”
11Yesu arabishura ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’ijuru, ariko bo ntibabihawe. 12Uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwa bike azokwakwa n’ivyo yari afise. 13Ni co gituma ndabigishiriza mu migani:
Kugira ngo n’aho boraba ntibabone;
n’aho bokwumviriza ntibumve canke ngo batahure.
14 Ivyo bishitsa kuri bo ivyo Yesaya yavugishijwe, aho yavuga ati:
‘Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimuzokwigera mutahura;
kuraba muzokwama muraba ariko ntimuzokwigera mubona.
15 Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye;
amatwi yabo ntashobora kwumva,
kandi amaso yabo barayahumiriza.
Ahandi ho bobonesheje amaso yabo,
bakumvisha amatwi yabo,
bagatahurisha imitima yabo;
maze bagahindukira, nanje nkabakiza.’ # 13:15 Yesaya 6:9,10
16 Ariko harahiriwe amaso yanyu kuko abona, n’amatwi yanyu kuko yumva. 17Kuko ndababwire ukuri, abavugishwa n’Imana n’abagororotsi benshi baripfuje kubona ivyo muriko murabona ariko ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva, ntibavyumva.
18 Nimwumvirize ico umugani w’umubivyi usigura: 19Iyo umuntu yumvise ubutumwa bw’Ubwami, hanyuma ntabutahure, wa mubi aca aza akarandura icari cabibwe mu mutima wiwe. Izo ni zo mbuto zabibwe i ruhande y’inzira. 20Imbuto zabibwe ku rutare zerekana ukuntu abantu bumva ijambo ry’Imana hanyuma bagaca baryakirana umunezero mu mitima yabo. 21Ariko kubera ko iryo jambo ritagira imizi miremire muri bo, bamara umwanya muto bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera. 22Imbuto zaguye mu mahwa, ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama. 23Ariko imbuto zaguye mw’ivu ryiza ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana akaritahura; uwo ni we aheza akama; bamwe bakama incuro ijana, abandi incuro mirongo itandatu, abandi incuro mirongo itatu z’ivyabibwe.”
Umugani w’urwamfu mu buro
24Yesu abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yabivye imbuto nziza y’uburo mu murima wiwe. 25Mw’ijoro, abantu bose bamaze gusinzira, umwansi wiwe araza abiba urwamfu muri bwa buro hanyuma arigira. 26Uburo bumaze gukura, no kuyangika, urwamfu na rwo rutangura kwibonekeza.
27 Abakozi ba nyene umurima baraza baramubaza bati: ‘Nyakwubahwa, mbega ntiwari wabivye imbuto nziza; none uru rwamfu rwavuye hehe?’
28 Arabishura ati: ‘Umwansi ni we yakoze ivyo.’
Baca baramubaza bati: ‘None urashaka ko tuja kururandura?’
29 Arabishura ati: ‘Oya, kuko mu kurandura urwamfu mwohava murandurana n’uburo. 30Reka vyose bikurane kugeza umusi wo kwimbura. Ico gihe nzobwira abimbuzi babanze begeranye urwamfu barutekere mu mikama hanyuma baruturire, maze uburo babwimburire mu kigega canje.’ ”
Umugani w’akabuto gato n’umwambiro
31Abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe. 32Naho ari gatoya kurusha izindi mbuto zose, iyo kameze karakura, kakaruta ibindi biterwa vyose vyo mw’itongo, maze kagahinduka igiti kinini, ku buryo n’inyoni zo mu kirere ziza zikarika mu mashami yaco.”
33Yongera abacira uwundi mugani ati: “Ubwami mw’ijuru bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ibiro mirongo ibiri na bitanu, uwo mwambiro muke utuma igikandu cose gikakama.”
34Ivyo vyose Yesu yabibwira abantu mu migani; nta kintu na kimwe yababwira adakoresheje imigani. 35Uko ni ko ivyo uwavugishwa n’Imana yavuze vyashitse, ngo:
“Nzokwugurura akanwa kanje mu migani,
mvuge ivyagizwe amabanga kuva isi ikiremwa.”#13:35 Zaburi 78:2
Yesu asigura umugani w’urwamfu
36Hanyuma Yesu asiga abantu ngaho, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: “Dusigurire umugani w’urwamfu mu murima.”
37Arabishura ati: “Uwabivye imbuto nziza ni Umwana w’Umuntu. 38Umurima ni iyi isi, imbuto nziza ni abana b’Ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi. 39Umwansi yabivye urwamfu ni Satani. Iyimbura ni umuhero w’isi; abimbuzi ni abamarayika.
40 Nk’uko begeranya urwamfu kugira ngo baruturire, ni ko bizomera ku muhero w’isi. 41Umwana w’Umuntu azotuma abamarayika biwe, bakure abazana ibitsitaza hamwe n’abakora ibibi bose mu Bwami bwiwe; 42babate mw’itanure ryaka umuriro; aho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro. 43Ariko abagororotsi bazokwakaka nk’izuba mu Bwami bwa Se wo mw’ijuru. Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.
Imigani y’ubutunzi buhishijwe n’ibuye ry’agaciro
44 Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’ubutunzi buhishijwe mw’itongo. Umuntu umwe yabuserutseko, aca yongera arabuhisha. Hanyuma kubera umunezero mwinshi, aragenda ashora ivyo yari afise vyose, agura iryo tongo.
45 Kandi Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umudandaza yagiye kurondera amabuye y’agaciro. 46Abonye irirusha agaciro ayandi, aca aragenda ashora ivyo yari afise vyose, ararigura.
Umugani w’urusenga
47 Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’urusenga rwaterewe mu kiyaga, rufata ifi z’ubwoko bwose. 48Rumaze kwuzura, abarovyi barukwegera i musozi, baricara batoranya ifi nziza bazishira mu masandugu, mbi na zo barazita. 49Uko ni ko bizogenda ku muhero w’isi. Abamarayika bazosobanura abanyakibi mu bagororotsi, 50babaterere mw’itanure ryaka umuriro, ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.”
51Yesu abaza abigishwa biwe ati: “Mbega ivyo murabitahura?”
Na bo bati: “Egome.”
52Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.”
Ab’i Nazareti banka kwizera Yesu
53Yesu ahejeje kwigishiriza muri iyo migani, aca ava ngaho. 54Ashitse mu gisagara yakuriyemwo, atangura kwigishiriza abantu mw’isinagogi yabo. Abamwumviriza bose baratangara, babazanya bati: “Mbega ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he? 55Mbega uwu si wa muhungu w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya; abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Simoni na Yuda? 56Bashikiwe bose ntitubana? None ivyo vyose yabikuye hehe?” 57Maze ivyiwe birabatsitaza, bituma batamwizera.
Yesu arababwira ati: “Uwuvugishwa n’Imana arubahwa hose kiretse iwabo no mu muryango wiwe.”
58Aho hantu Yesu ahakorera ibitangaza bike kuko abantu baho ata kwizera bari bafise.

Currently Selected:

Matayo 13: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy