YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 24

24
Isaka na Rebeka
1Ico gihe Aburahamu yari ashaje, ageze mu zabukuru, kandi Uhoraho yari yaramuhezagiye mu buryo bwose. 2Umusi umwe, Aburahamu abwira umukuru mu bakozi biwe, ari we yaraba ivy’urugo rwiwe, ati: “Shira ukuboko kwawe musi y’itako ryanje, 3uheze undahire mw’izina ry’Uhoraho, Imana y’ijuru n’isi, ko utazoronderera umuhungu wanje umugore mu bakobwa b’Abanyakanani, abo mbayemwo. 4Ariko uze ugende mu gihugu canje, mu ncuti zanje, abe ari ho ukura umugore wa Isaka umwana wanje.”
5Wa mukozi aramubaza ati: “Nshobora kutaronka umukobwa ashaka kunkurikira ngo tuzanane muri iki gihugu. None nzoca njana umuhungu wawe Isaka mu guhugu waje uvamwo?”
6Aburahamu aramwishura ati: “Oya! Uze wirinde gusubiza Isaka muri kiriya gihugu! 7Uhoraho, Imana yo mw’ijuru, we yankuye mu nzu kwa data no mu gihugu canje c’amavukiro, yarambwiye arandahira ko azogabira uruvyaro rwanje iki gihugu. Azorungika umumarayika imbere yawe, kugira ngo ushobore kuronkera umuhungu wanje umugore. 8Uwo mukobwa niyanka kugarukana nawe, iyi ndahiro ugira urahire ntizogufata. Ariko uze wirinde kujana umuhungu wanje muri kiriya gihugu.” 9Nuko wa mukozi ashira ukuboko musi y’itako rya shebuja Aburahamu, aramurahira ko azobigenza uko.
10Hanyuma afata ingamiya icumi mu za shebuja, atangura urugendo, agenda ajanye n’ingabire zitandukanye z’agaciro ahawe na shebuja, afata inzira ija ahitwa Aramu-Naharayimu, yerekeye mu gisagara Nahori murumuna wa Aburahamu yabamwo. 11Ashitse kw’iriba ryari inyuma y’igisagara, apfukamika ingamiya ziwe kugira ngo zinywe amazi. Ico gihe yari amasaha abagore bazirako kuvoma.
12Arasenga ati: “Uhoraho, Mana ya databuja Aburahamu, ndakwinginze umpe kuroranirwa uwu musi. Niwereke databuja Aburahamu urukundo rwawe rudahemuka. 13Mpagaze hano hambavu y’iri riba, kandi abakobwa bo mu gisagara bagira baze kuvoma. 14Umukobwa nja kubwira nti: ‘Ndakwinginze uhengeke umubindi wawe, umpe amazi yo kunywa,’ na we akavuga ati: ‘Ehe nunywe kandi n’ingamiya zawe nca ndazivomera,’ uwo abe ari we watoranirije umusavyi wawe Isaka. Ico ni co kiza kunyereka ko wagiriye databuja urukundo rudahemuka.”
15Ataraheza gusenga, haseruka inkumi yitwa Rebeka n’umubindi wiwe ku rutugu. Rebeka yari umukobwa wa Betuweli, uwo na we akaba yari umuhungu wa Nahori, murumuna wa Aburahamu, uwo yavyaranye n’umugore wiwe Milika. 16Rebeka yari inkumi y’akaranga kandi ntiyari bwaryamane n’umugabo. Nuko aramanuka kw’iriba, yuzuza wa mubindi amazi, aca araduga.
17Wa mukozi wa Aburahamu ariruka aja guhura na we, aramubwira ati: “Ndakwinginze umpe amazi yo kunywa kuri uwo mubindi wawe.”
18Na we aramwishura ati: “Akira unywe, nyakwubahwa.” Nuko anyarutsa kwururutsa umubindi wiwe, kugira ngo ashobore kunywa.
19Ahejeje kumuha amazi yo kunywa aramubwira ati: “Ngira mvomere n’ingamiya zawe na zo zinywe zihere inyota.” 20Nuko asuka ya mazi mu bwato ibitungwa vyanyweramwo amazi, asubira kw’iriba yiruka, avomera za ngamiya ziwe zose. 21Wa mukozi wa Aburahamu yitegereza ya nkumi mu gacerere, kugira ngo arabe ko Uhoraho yahezagiye urugendo rwiwe.
22Za ngamiya zihejeje kunywa, wa mugabo aha wa mukobwa ihereni ry’inzahabu bambara ku zuru ripima ingero beka imwe#24:22 Ni nk’amagarama 5,7. hamwe n’ibikomo bibiri vy’inzahabu vyo kwambara ku maboko bipima shekeli icumi.#24:22 Ni nk’amagarama 115. 23Aramubaza ati: “Mbega uri umukobwa wa nde? Ndakwinginze umbwire. Mu rugo kwa so hoba hariho aho kuturaza jewe n’abantu twagendanye?”
24Na we aramwishura ati: “Ndi umukobwa wa Betuweli, uwo Milika yavyaranye na Nahori.” 25Yongerako ati: “Egome iwacu hariho ivyatsi vyumye n’ivyokurya vy’izo ngamiya, kandi hariho n’aho kuraza abashitsi.”
26Nuko wa mugabo arunama ahimbaza Uhoraho. 27Aravuga ati: “Uhoraho, Imana ya databuja Aburahamu, aragahezagirwa, we atibagiye kugirira databuja urukundo rudahemuka n’ubwizigirwa. Uhoraho yandongoreye mu ncuti za databuja.”
28Nuko wa mukobwa ariruka aja i muhira kubabwira ibibaye vyose. 29Rebeka yari afise musazawe yitwa Labani. Nuko Labani aca ariruka aja kuraba uwo mugabo kw’iriba. 30Yari yamaze kubona rya hereni ryo ku zuru na vya bikomo mushikiwe yambaye ku maboko, kandi yari yumvise Rebeka avuga ivyo uwo mugabo yamubwiye. Nuko aja iyo wa mugabo ari, asanga ari kumwe n’ingamiya ziwe hambavu y’iriba. 31Labani abwira wa mugabo ati: “Kaze iwacu, wewe uwahezagiwe n’Uhoraho. Ni kuki woguma inyuma y’igisagara kandi namaze gutegura inzu n’aho kuraza ingamiya?”
32Nuko wa mugabo ashika mu rugo; Labani yururutsa ivyo ingamiya zari zikoreye, arazisasira kandi arazigaburira. Azanira amazi wa mukozi wa Aburahamu n’abari bagendanye na we kugira ngo boge ibirenge. 33Bamuzaniye ivyokurya, wa mukozi wa Aburahamu aravuga ati: “Sinshobora kugira ico mfunguye ntaravuga ikingenza.”
Labani ati: “Tubwire.”
34Aravuga ati: “Ndi umukozi wa Aburahamu. 35Uhoraho yarahezagiye cane databuja, aba umuntu akomeye cane. Yamuhaye imikuku y’intama n’impene, amasho y’inka, ubutunzi bw’ifeza n’inzahabu, abakozi b’abahungu n’abakobwa hamwe n’ingamiya n’indogoba. 36Kandi Sara umugore wa databuja yamuvyariye umuhungu mu busaza bwiwe. Uwo muhungu ni we databuja yaraze ivyiwe vyose. 37Databuja yarandahije avuga ati: ‘Ntuze uronderere umuhungu wanje umugore mu bakobwa b’Abanyakanani, abo mbayemwo. 38Ariko uze ugende mu bo mu nzu ya data, mu bo mu bwoko bwanje, abe ari ho ukura umugore w’umwana wanje.’
39Nanje mbwira databuja nti: ‘Nshobora kutaronka umukobwa ashaka gusubirana inyuma nanje.’
40Aranyishura ati: ‘Uhoraho namye numvira, azorungika umumarayika wiwe ajane nawe atume ugira umugisha mu rugendo rwawe, kugira ngo ushobore kuronkera umuhungu wanje umugore wo mu muryango wanje, wo mu nzu ya data. 41Niwaja mu bo mu muryango wanje, iyi ndahiro nkurahije ntizogufata; naho bokwanka kuguha uwo mukobwa, iyi ndahiro nkurahije ntize igufate.’
42Uno musi igihe nashika kw’iriba nasenze nti: ‘Uhoraho, Mana ya databuja Aburahamu, ndakwinginze umpe kugira umugisha muri uru rugendo. 43Raba mpagaze hambavu y’iri riba. Nihaza umukobwa kuvoma nkamubwira nti: “Ndakwinginze umpe amazi yo kunywa muri uwo mu bindi wawe,” 44na we akambwira ati: “Ehe nunywe kandi nca mvomera n’ingamiya zawe na zo,” uwo aze abe ari we Uhoraho yatoranirije kuba umugore w’umuhungu wa databuja.’
45Ntaraheza gusengera mu mutima wanje, nabonye Rebeka aseruka n’umubindi wiwe ku rutugu, aramanuka aja kw’iriba aravoma amazi. Maze ndamubwira nti: ‘Ndakwinginze umpe amazi yo kunywa.’
46Yaciye anyarutsa kwururutsa umubindi wiwe wari ku rutugu, aravuga ati: ‘Ehe nunywe kandi nca mvomera n’ingamiya zawe na zo.’ Nuko ndanywa, hanyuma avomera n’ingamiya.
47Maze ndamubaza nti: ‘Uri umukobwa wa nde?’
Na we arambwira ati: ‘Ndi umukobwa wa Betuweli, umuhungu Nahori yavyaranye na Milika.’
Nuko nca ndamwambika ihereni ku zuru n’ibikomo ku maboko, 48maze nca ndapfukama mpimbaza Uhoraho, nshima Uhoraho Imana ya databuja Aburahamu kuko yandongoreye mu nzira nziza, ku mukobwa w’incuti yiwe kugira ngo abere umuhungu wa databuja umugore. 49None, nimba mwiteguye kugirira ineza databuja no kumwereka ubwizigirwa, ndabasavye mumbwire, kandi nimba bitari uko na ho nyene mubimbwire, kugira ngo nje kuronderera ahandi.”
50Nuko Labani na Betuweli baramwishura bati: “Ibi bintu vyavuye k’Uhoraho, ni co gituma ata co dushobora kwongerako. 51Rebeka ari hano, numujane abe umugore w’umuhungu wa shobuja, nk’uko Uhoraho yabivuze.”
52Wa mukozi wa Aburahamu yumvise inyishu yabo, arapfukama ahimbaza Uhoraho. 53Hanyuma asokorora ivyo gushaza vy’inzahabu n’ifeza hamwe n’impuzu abiha Rebeka. Yongera aha ingabire musazawe na nyina. 54Hanyuma we na ba bagabo bagendana bararya bongera baranywa, maze barara aho.
Bavyutse mu gitondo, aravuga ati: “Nimundeke nsubire kwa databuja.”
55Musaza wa Rebeka na nyina wiwe baramwishura bati: “Turashaka ko Rebeka agumana natwe akanya, nk’imisi icumi, hanyuma azoheza agende.”
56Ariko arababwira ati: “Ntimuntevye kuko Uhoraho yampaye kugira umugisha mu rugendo rwanje. Nimundekure ngende nsubire kwa databuja.”
57Baravuga bati: “Hinge duhamagare Rebeka tumubaze ico yiyumvira.” 58Nuko bahamagara Rebeka baramubaza bati: “Urashaka kujana n’uwu mugabo?”
Arabishura ati: “Egome ndabishaka.”
59Nuko basezera Rebeka n’incoreke yamureze babarungikana na wa mukozi wa Aburahamu n’abagendanye na we. 60Bahezagira Rebeka bamubwira bati:
“Mushiki wacu, uze urondoke
uvyare ibihumbi n’ibihumbi;
uruvyaro rwawe ruze rwigarurire
ibisagara vy’abansi bawe.”
61Nuko Rebeka n’incoreke ziwe burira kuri za ngamiya basubirana inyuma na wa mugabo. Uko ni ko wa mukozi wa Aburahamu yajanye Rebeka.
62Ico gihe Isaka yari yamaze kuva i Beyeri-Lahayi-Royi aja kuba i Negebu, mu bumanuko bw’i Kanani. 63Umugoroba umwe Isaka aja kugendagenda mu mirima. Yunamuye amaso, abona ingamiya ziza zitumbereye iyo ari. 64Rebeka yunamutse akabona Isaka, aca arururuka ava ku ngamiya. 65Abaza wa mukozi wa Aburahamu ati: “Uriya muntu agendagenda mu mirima ariko araza ngo duhure ni nde?”
Aramwishura ati: “Ni databuja.” Nuko Rebeka afata igitambara aritwikira.
66Wa mukozi abwira Isaka ivyo yakoze vyose. 67Isaka ajana Rebeka mw’ihema. Iryo hema ryahora ari irya nyina Sara. Nuko amugira umugore wiwe kandi aramukunda cane. Uko ni ko Isaka yashoboye kwirurwa umubabaro yari yaratewe n’urupfu rwa nyina.

Currently Selected:

Itanguriro 24: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in