YouVersion Logo
Search Icon

Amosi 9

9
Isirayeli hazosamburwa
1Nabonye Imana ihagaze i ruhande y’igicaniro, hanyuma ivuga ati:
“Kubita ubushorishori bw’inkingi z’urusengero,
kugeza amatanguriro yazo anyiganyize.
Zisenyurire hasi maze zigwe ku mitwe y’ubu bwoko;
abazoba basigaye nzobicisha inkota.
Nta n’umwe azohunga,
nta n’umwe azosigara.
2Naho bokwimba gushika i kuzimu,
ukuboko kwanje kuzobakurayo.
Naho boduga bakaja mw’ijuru hejuru,
nzobamanurayo.
3Naho bokwihisha ku gatwe ka Karumeli,
nzobahiga ndabafate ndabamanureyo.
Naho bokwinyegeza inyonga zanje i bwina mu kiyaga,
nzotuma inzoka ibakomorereyo.
4Naho bojanwa nk’inyagano n’abansi babo,
nzotegeka inkota ibasogotereyo.
Igitsure canje kizoguma kuri bo
kugira ngo ndabagirire nabi, si ukubagirira neza.”
5Umwami, Uhoraho Mushoboravyose,
akoze kw’isi ica irashonga,
kandi ababa muri yo bose baragandaye;
igihugu cose gihagurutse nk’uruzi Nili,
hanyuma kirahwama nk’urwo ruzi rwa Egiputa.
6 Uhoraho yubatse ikirimba ciwe iyo mw’ijuru hejuru
ashira amatanguriro yaco kw’isi;
ahamagara amazi yo mu kiyaga
akayasuka kw’isi,
Uhoraho ni ryo zina ryiwe.
7“Mbega mwebwe Abisirayeli
ntimumeze nk’Abanyakushi kuri jewe?”
ni ko Uhoraho abaza.
Mbega sinaduganye Abisirayeli ndabakuye muri Egiputa,
Abafilisitiya nkabakura i Kafutori
Abasiriya na bo nkabakura muri Kiru?
8“Ni ukuri inyonga z’Uhoraho Nyeninganji
ziri ku bwami bucumura.
Nzobusambura
ndabuherengeteze kw’isi.
Ariko sinzoherengeteza rwose
abakomoka kuri Yakobo,”
ni ko Uhoraho avuze.
9“Kuko nzotanga itegeko,
maze ntume Abisirayeli bahinda agashitsi
hagati y’ayandi mahanga
nk’uko ingano zigosorerwa ku rutaro,
kandi ntihagire n’agatete kamwe gakorokera hasi.
10Abanyavyaha bo mu bantu banje bazokwicwa n’inkota,
abo bose bavuga bati:
‘Ivyago ntibizodushikira canke
ngo duhure na vyo.’
Isirayeli hasanurwa
11Kuri uwo musi,
nzovyura ihema rya Dawidi ryaguye hasi,
nzosanura impome zaryo zabomotse,
nsanure n’imisaka yaho;
kandi nzosubira kuryubaka rimere nk’uko ryahora,
12kugira ngo begukire amasigarira ya Edomu
n’amahanga yose yitirirwa izina ryanje,”
ni ko Uhoraho avuze, ari we nyene azobishitsa.
13“Imisi iraje,” ni ko Uhoraho avuze,
“aho umwimbuzi azokurikirana n’umubivyi,
n’uwutera imbuto agakurikirana n’uwudandaza imizabibu.
Umutobe musha w’umuvinyu uzotemba ku misozi,
kandi n’uturambi twose tuzorengerwa n’umuvinyu,
14kandi nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli ndabavanye mu kinyago.
Bazosubira bubake ibisagara vyahindutse imisaka babibemwo.
Bazotera imizabibu banywe umuvinyu wayo;
bazotera ibiti barye ivyamwa vyavyo.
15Nzotera Abisirayeli mu gihugu cabo,
kandi sinzosubira kubarandura,
ngo ndabakure mu gihugu nabahaye,”
ni ko Uhoraho Imana yanyu avuze.

Currently Selected:

Amosi 9: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in