1
1Aya ni amajambo yahawe Amosi, umwungere w’i Tekowa i Buyuda. Ayo majambo yayaronse mu vyo yeretswe imyaka ibiri imbere y’uko haba nyamugigima, hakaba hari ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, n’iya Yerobowamu mwene Yowashi umwami wa Isirayeli.
2Yavuze ati:
“Uhoraho yivuze ari i Siyoni
aturagara ari i Yerusalemu;
uburagiro bw’abungere buruma,
kandi ku gatwe ka Karumeli harakabirana.”
Imanza zizocirwa ibihugu bibanyi vya Isirayeli
3Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Kubera ivyaha bitatu vya Damasiko,
mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!
Kuko basekuje abantu banje b’i Gileyadi
imihini y’ivyuma.
4Nzorungika umuriro ku nzu ya Hazayeli
kandi uzotongora impome zikomeye za Beni-Hadadi.
5Nzohomvorera hasi amarembo y’i Damasiko;
nzokwica umwami ari mu kiyaya ca Aveni
n’uwufise inkoni yo kuganza ari i Beti-Edeni.
Abantu b’i Siriya bazojanwa ari inyagano i Kiru,”
ni ko Uhoraho avuze.
6Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Kubera ivyaha bitatu vy’i Gaza,
mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!
Ko bafashe abantu bo mu mihana yose bakabagira imbohe
maze bakabagurisha kuri Edomu;
7nzorungika umuriro ku mpome z’i Gaza
utongore impome zikomeye zaho.
8Nzorandura umwami w’i Ashidodi
n’uwufise inkoni yo kuganza w’i Ashikeloni.
Nzohindukiza ukuboko kwanje ngwanye Ekuroni,
gushika uwa nyuma wo mu Bafilisitiya apfuye,”
uko ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.
9Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Kubera ivyaha bitatu vya Tiro,
mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!
Kuko bafashe abantu bo mu mihana yose
bakabagira imbohe bakabagurisha ku Banyedomu,
ntibubahiriza isezerano ry’uko ari abavukanyi.
10Ku bw’ivyo nzorungika umuriro ku mpome z’i Tiro,
utongore impome zaho zikomeye.”
11Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Kubera ivyaha bitatu vya Edomu,
mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye.
Ko yakinagije umuvukanyi wiwe Isirayeli n’inkota
agasogota abagore bo mu gihugu,
kandi uburake bwiwe bukaziriringa urudaca,
ubushangashirwe bwiwe bukarurumba ntibuhwame;
12nzorungika umuriro i Temani
utongore impome zikomeye z’i Bozira.”
13Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Kubera ivyaha bitatu vya Amoni,
mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye!
Kuko bafomoye inda z’abagore bibungenze b’i Gileyadi
kugira ngo bagure imbibe zabo.
14Nzorungika umuriro ku mpome z’i Raba
utongore impome zikomeye zaho
mu gihe hazoba hari akamo k’intambara,
intambara imeze nk’umuyaga w’igihuhusi.
15Umwami waho azojanwa ari inyagano,
we hamwe n’abaganwa biwe bose,”
uko ni ko Uhoraho avuze.