YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 16

16
Pawulo atora Timoteyo ngo bajane mu bikorwa
1Nuko Pawulo ashika i Derube, hanyuma aja i Lusitira, aho umwigishwa yitwa Timoteyo yaba. Nyina yari Umuyudakazi yizera, ariko se yari Umugiriki. 2Yavugwa neza n’abizera b’i Lusitira n’abo muri Ikoniyo. 3Maze Pawulo yipfuza kujana na we ku rugendo yari ariko, araheza abanza kumukeba ku gitsina gabo kubera Abayuda bo muri ako karere, kuko bose bari bazi ko se yari Umugiriki. 4Mu bisagara bacamwo, bagenda barashikiriza abizera ivyashinzwe n’intumwa n’abakuru b’ishengero b’i Yerusalemu babahimiriza kuvyitondera. 5Nuko amashengero arakomezwa mu kwizera, kandi igitigiri c’abizera kirongerekana ku musi ku musi.
Pawulo yerekwa ivyo kuja i Makedoniya
6Pawulo na bagenziwe baca mu ntara za Furugiya na Galatiya, kuko Mpwemu Yera yari yababujije kuvuga Ijambo ry’Imana muri Aziya. 7Bashikiriye urubibe rwa Musiya, bagerageza kwinjira i Bituniya, ariko naho nyene Mpwemu wa Yesu ntiyabemerera. 8Nuko baca baca i Musiya bamanuka i Tirowa. 9Mw’ijoro, Pawulo arerekwa abona umuntu w’i Makedoniya ahagaze amubwira ati: “Turakwinginze uze i Makedoniya udutabare.” 10Pawulo amaze kwerekwa ivyo, duca turitegura ubwo nyene tuja i Makedoniya, kuko twari dutahuye neza ko Imana iduhamagariye kuja kuvugayo Ubutumwa Bwiza.
Lidiya yizera, yongera yaha indaro intumwa
11Nuko tuva i Tirowa mu bwato turaramiriza gushika i Samotirake, ku musi ukurikira naho dushika i Neyapoli. 12Tuvuye aho, tuja i Filipi, igisagara gikuru c’i Makedoniya cari carigaruriwe n’Abaroma. Ico gisagara tukimaramwo imisi.
13Ku musi w’Isabato, turasohoka tuja inyuma y’igisagara ku ruzi, twibaza ko dushobora kuronka ahantu ho gusengera. Nuko turicara dutangura kuyaga n’abagore bari bahakoraniye. 14Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga. 15We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: “Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje.” Nuko aratugobera gushika twemeye.
Pawulo na Silasi batabwa mw’ibohero
16Umusi umwe, turiko turaja ha hantu ho gusengera, duhura n’umuguranokazi yari afise impwemu yo kuragura, yatuma amenya ivya kazoza, agacira amahera menshi ba shebuja mu kuragura. 17Maze wa mukobwa akurikira Pawulo n’abo twari kumwe bose, asemerera ati: “Aba bantu ni abakozi b’Imana Musumbavyose, baje kubabwira inzira ibashikana ku gakiza.” 18Nuko amara imisi avuga ivyo, gushika aho Pawulo adundumirwa, arahindukira abwira iyo mpwemu ati: “Mw’izina rya Yesu Kristo, ndagutegetse, muvemwo.” Ubwo nyene ya mpwemu ica iramuvamwo.
19Maze ba shebuja babonye ko bagiye guhomba amahera yahora abacira, bafata Pawulo na Silasi, babajana imbere y’abatware, mu kibanza gikoraniramwo abantu benshi. 20Babazana imbere y’abacamanza b’Abaroma, bavuga bati: “Aba bantu ni Abayuda, kandi bariko baragumura igisagara, 21bigisha imigenzo twebwe Abaroma tutemerewe gukurikiza.”
22Abari aho bose baca bakurira hasi Pawulo na Silasi, ba bacamanza baca bategeka ko babambura impuzu bakabakubita ibimoko. 23Bamaze kubakubita cane, baca babaterera mw’ibohero, bategeka umukuru w’ibohero kubarinda cane kugira ngo ntibatoroke. 24Kubera iryo tegeko ahawe, aca abashira mu cumba c’ibohero kiri kure, amaguru yabo ayabohera hagati y’ibiti.
25Nko mu gicugu hagati, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera baririmba indirimbo zo gutazira Imana, izindi mbohe zarabumva. 26Ubwo nyene haba nyamugigima ikomeye cane, inyiganyiza amatanguriro y’ibohero. Imiryango y’ibohero iriyugurura, iminyororo yari iboshe imbohe zose izivako. 27Umurinzi w’ibohero yikanguye asanga imiryango yose iruguruye, maze asokorora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zatorotse. 28Ariko Pawulo arasemerera ati: “Reka ntugire ico wigira, twese turi hano.”
29Wa murinzi w’ibohero aca atumako urumuri, yiruka mu cumba Pawulo na Silasi barimwo, yikubita imbere y’ibirenge vyabo. 30Aca abasohokana hanze, ababaza ati: “Ba nyakwubahwa, nokora iki kugira ngo nkizwe?”
31Baramwishura bati: “Izere Umwami Yesu, urakizwa, wewe n’abo mu nzu yawe.” 32Baca bamubwira Ijambo ry’Umwami Imana, we n’abo mu nzu yiwe bose. 33Iyo saha, muri iryo joro nyene, aca abajana kuboza ibikomere vyabo, maze we n’abo mu nzu yiwe bose baca barabatizwa. 34Nuko abajana iwe, arabagaburira, kandi we n’abo mu nzu yiwe bose buzura umunezero kuko bari bizeye Imana.
35Bukeye, abacamanza batuma abasoda kuri wa murinzi w’ibohero, ati: “Rekura abo bantu.” 36Wa murinzi w’ibohero aca abarira Pawulo ati: “Abacamanza bategetse ko mwe na Silasi murekurwa. None rero murashobora kwigira. Mugende amahoro.”
37Ariko Pawulo na Silasi baramwishira bati: “Badutonaguriye imbere y’abantu tutanaburanye kandi urubanza rwadutsinze kandi turi Abaroma, bagirako baduta mw’ibohero, none bagomba kuturekura mu mpisho? Ntibishoboka! Nibaze bo nyene ubwabo, babe ari bo batwirekurira.”
38Ba basoda baca baja kubibwira abacamanza. Bumvise ko Pawulo na Silasi ari Abaroma, baca bagira ubwoba. 39Baca baja kubahoyahoya, babasohora ibohero, babaherekeza babinginga ngo bave muri ico gisagara. 40Pawulo na Silasi bavuye muri iryo bohero baca baja kwa Lidiya, babonana n’abandi bene Data, babatera intege mu kwizera, baca baragenda.

Currently Selected:

Ivyakozwe 16: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy