Yona 2
2
Yona asengera mu nda y’urufi, Imana imukūra muri rwo
1Maze Yona asengera Uhoraho Imana yiwe mu nda y’urufi,
2 #
Zab 118:5; 120:1; Int 3:55, 56. ati Natakambiye Uhoraho kubg’ ivyago nagize, aranyishura;
Nambaje ndi mu nda y’i kuzimu, wumva ijwi ryanje.
3 #
Zab 42:7; 88:6, 7. Kuko wantereye i bgina, muri nyina mu kiyaga; umwuzure wantaye hagati;
Imipfunda yawe yose n’imikuba yawe yose vyarandengeye.
4 #
1 Abam 8:35, 38; Zab 31:22. Ndavuga, nti Nciwe mu nyonga zawe;
Ariko nzokwongera gutumbera urusengero rwawe rwera.
5 #
Zab 69:1. Amazi yanciye irya n’ino, ashika no ku bugingo bganje:
I bgina harankikije; ibirandaranda vyo mu mazi vyanyizingiriye mu mutwe.
6 #
Zab 16:10; 103:4. Ndamanuka nja mu mizi y’imisozi;
Isi n’ibihindizo vyayo vyanyugaranye ibihe bidashira:
Arik’ Uhoraho Mana yanje, wakūye ubugingo bganje muri rwa rwobo.
7 #
1 Abam 8:30; Zab 107:5; 142:3. Ah’ umutima wanje wiheburira muri jewe, nibutse Uhoraho,
Ugusenga kwanje kwagushitseko mu rusengero rwawe rwera.
8 #
2 Abam 17:15; Yer 2:5, 13. Aberekeza umutima ku bitagira ikimazi vy’ibinyoma
Baba bataye guharirwa.
9 #
Zab 50:14. Ariko jeho nzogushikanira ikimazi nsēsereza impundu,
Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye.
Agakiza kava k’Uhoraho.
10Maz’ Uhoraho abarira urwo rufi, rudahwa Yona i musozi.
Currently Selected:
Yona 2: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

: