Hoseya 8
8
Ibihano bizoba ku Bisirayeli
1 #
Gus 28:49. Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma,#8:1 inkukuma ni yo mpungu. gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje. 2#Mat 7:21.Bazontakambira, bati Mana yacu, twebge Abisirayeli turakuzi. 3Ereg’ Abisirayeli bataye ivyiza: umwansi azobakinagiza. 4#2 Ngo 13:5.Biyimikiye abami ntabibageze; bitoranirije abaganwa nanje ntabizi: bikoreye ibigirwamana mu mafeza yabo no mu mazahabu yabo, bihamagarira guherengetezwa. 5#1 Abam 12:28; Hos 10:5, 6.Nzinutswe imasa yawe y’ikigirwamana, ewe Samariya! Uburake bganje burabaziriringiye: bazogeza ryari kwanka kwihumanura? 6#Mik 1:6, 7; Hos 7:9; 10:13; Gal 6:8.Kukw ico kigirwamana candurutse ku Bisirayeli, umukozi ni we yagikoze: ereg’ ico s’Imana nya mana: mber’ iyo masa y’i Samariya izovunagurwa. 7Ko bābivye umuyaga bazokwimbura agashururu: nta n’agahundo bazoronka; ikizomera ntikizohunda impeke; n’icohunda, coyongobezwa n’abanyamahanga. 8#2 Abam 17:6.Abisirayeli barayongobejwe: ubu bari mu mahanga bameze nk’urwavya rudahimbaye. 9#Yer 2:24; Hos 5:13.Kuko bādūze, bakaja muri Ashuri, nk’ indogoba y’inyeshamba yīgunze ukwayo: Efurayimu yironkeshereje abūzure impēra. 10#Ezk 26:7.Mbere naho batanga impēra mu mahanga, sinzobura kubakoranya; kandi bazotangura gukeha kubg’ umutwaro umwami ari hejuru y’abaganwa azogenda abaremēka. 11Efurayimu ko yakwiragije ibicaniro vyo gukora ivyaha, ivyo bicaniro bizomubera ivyaha nyene. 12#Gus 4:6, 8.Naho nomwandikira ivyagezwe vyanje nkabigira isinzi, yovyita nk’ikintu c’icaduka. 13#Gus 28:68; Yer 7:21; Hos 9:9; Am 4:4; 8:7.Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa. 14#Yes 7:7; Am 2:5; 5:11.Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo.
Currently Selected:
Hoseya 8: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

: