YouVersion Logo
Search Icon

Hoseya 2

2
Igihano ca Isirayeli wa musambanyikazi
1 # Yes 50:1. Mwite barumuna banyu, Bantubanje, na bashiki banyu, ba Inambabazi.
2Ni mwībūranire na nyoko, ni mwībūranire; kukw atar’ umugore wanje, nanje sind’ umugabo wiwe: n’akūre ubushegabo bgiwe mu maso hiwe, n’ubumaka bgiwe abukūre hagati y’amabere yiwe; 3#Ezk 19:13.kugira ngo sinze ndamusige amēnya, akamera nk’umusi yavutseko, nkamuhindura nk’ubugaragwa, nkamusiga ngaho ameze nk’ ubgeranyange, nkamwicisha inyota. 4Mbere sinzogirira abana biwe imbabazi, kukw ar’ abana b’abasambanano, 5#Yer 44:17.nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga. 6#Yob 3:23; 19:8.Ni co gituma ngira nsākize amahwa inzira yiwe, ndamuzitirire uruzitiro rwo kumubuza, ngo yoye kubona ah’ aca. 7#Yes 54:5, 6; Luk 15:17, 18.Azokwirukira abūzure biwe, ariko ntabahamvye, azobarondera, ariko ntababone. Ni ho azovuga, ati Hinge nsubire ku mugabo wanje wa mbere, kuk’ ubga mbere nari mmerewe neza kuruta ubu.
8 # Yes 1:3; Ezk 16:19. Erega ntiyamenye kw ari jewe namuha za ngano na vino n’amavuta, nkamusenyurirakw ifeza n’izahabu, ivyo bākoreshereje Bayali. 9#Yow 1:10.Ni co gituma nzosubira ku ngano zanje mu gihe zokweze, no kuri vino yanje mu gihe yoganiwe, kandi nzomushikura bga bgoya bganje bg’intama n’ipampa yanje, vyari kumumara ubgambure bgiwe. 10#Int 1:8.Noneho ngira ngaragarize ibiteye isoni vyiwe imbere y’abūzure biwe, kandi nta n’umwe azomurokora ngw amunkūre mu maboko. 11#Yes 1:13, 14; Am 8:10.Nzomucakw ibitwengo, n’imisi mikuru yaziririza, bo n’ imboneko z’amezi n’amasabato n’ imisi mikuru yose yashinzwe. 12#Yes 5:5; Mik 1:7.Kandi nzoririka imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora avuga, at’ Izi n’impēra zanje nahawe n’abūzure banje. Nukw ivyo ngira ndabihindure ishamba, vyōnwe n’ibikōko vyo mw ishamba. 13#Ezk 23:40.Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize. 14#Yes 40:2; Ezk 20:35.Nuko rero, ehe ngira ndamukwēgēre, mmushikane mu bugaragwa, ndamuremeshe. 15#Yer 2:2; Hos 11:1.Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa. 16Kandi kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, uzonyita umugabo wawe, ntuzoba ukinyita shobuja.#2:16 shobuja: mu Giheburayo ni Bayali, risobanurwa ngo shobuja. 17#Kuv 23:13; Zef 1:4.Kuko nzokūra mu kanwa kiwe amazina ya za Bayali, kandi n’amazina yazo ntazokwongera kwibukwa ukundi. 18#Lew 26:5; Yob 5:23; Yes 2:4; Ezk 34:25; 39:9, 10.Maze kur’ uwo musi nzosezerana isezerano n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ivyikwega hasi, kubganyu: kandi nzoca umuheto n’inkota n’intambara bibavire mu gihugu, ntume baryama amahoro. 19#Yer 3:14, 15; 2 Kor 11:2.Kandi nzokwikwerera ube uwanje ibihe bidashira; mbere nzokwikwerera mu bugororotsi no mu kuroranya no mu kugira neza no mu mbabazi. 20#Yer 31:34; Yoh 17:3.Ni koko nzokwikwerera mu kuba umwizigirwa: nawe uzommenya jewe Uhoraho. 21#Zek 8:12.Kandi kur’ uwo musi nzokwitaba ijuru, ni jewe Uhoraho mbivuze, na ryo ryitabe isi, 22isi na yo yitabe ingano na vino n’amavuta, na vyo vyitabe Yezireli.#2:22 Yezireli risobanurwa ng’ Uwo Imana ibiba. 23#Yer 31:33; Ezk 36:9; Hos 1:6, 9; Zek 13:9; Rom 9:25, 26; 1 Pet 2:10.Ni jewe nzomwibibira mu gihugu; kandi Ntambabazi nzomugirira imbabazi, mbarire Sabantubanje, nti Mur’ abantu banje; na bo bazovuga, bat’ Ur’ Imana yacu.

Currently Selected:

Hoseya 2: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in