YouVersion Logo
Search Icon

Hoseya 11

11
Ukw Imana yakomeje gukunda Abisirayeli, naho bāyivako
1 # Kuv 4:22; Gus 7:8; Hos 14:4; Mat 2:15. Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa. 2#Hos 2:13; 13:1, 2.Arik’ ukw abo navugisha bāshishikara kubahamagara, ni ko bārushiriza kubaja kure, bagatanga ibimazi kuri Bayali, bakosereza imibavu ibishushanyo bibājwe. 3#Kuv 15:26; Gus 1:31; Hos 7:15.Ariko ni jewe nigishije Abefurayimu gutambuka; nabashize mu kwāha; ariko ntibamenye kw ari jewe nabakijije. 4#Lew 26:13; Zab 78:24-29; Yer 31:3; Yoh 6:44; 12:32.Nabakwegesheje imigozi y’umuntu, imigozi y’ibitsibo vy’urukundo; kandi nabamereye nk’ababakūra ingōgo mu mibangabanga yabo, nterekeranya ivyo kurya imbere yabo. 5#2 Abam 17:13, 14.Ntibazosubira mu gihugu ca Egiputa, yamar’ Umwashuri ni we azoba umwami wabo, kuko banse kungarukako. 6Inkota izogwa ku bisagara vyabo, izohimbagura imyugariro yabo, iyiherengeteze, bazize imigabo yabo. 7#Hos 14:4.Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.
8 # Ita 14:8; 19:24, 25; Gus 32:36. Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe. 9#Guh 23:19; Yes 12:6.Sinzogenza nk’uk’ uburake bganje bg’inkazi buri, sinzohindukiranwa no kugeseza Efurayimu: kuko jewe nd’Imana, ntar’ umuntu; nd’ Uwera ari hagati muri wewe: sinzoza ndi n’uburake. 10#Yes 31:4; Yer 25:30; Yow 3:16.Bazogenda bankurikira jewe Uhoraho, nivuga nk’intambge: mbere nzokwivuga, maz’ abana bazoza bahinda agashitsi, bavuye i burengerazuba. 11#Yes 60:8; Zek 10:6, 10.Bazoza bavuye muri Egiputa bahinda agashitsi nk’inyoni, no muri Ashuri bameze nk’inuma, kandi nzobabesha mu mazu yabo, ni k’Uhoraho agize.
12Efurayimu ankikije ibinyoma, n’ab’ inzu ya Isirayeli bankikije ubugunge; ariko Yuda we aracatwarira Imana, aracar’ umwizigirwa k’Uwera.

Currently Selected:

Hoseya 11: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in