Kuvayo 4:11-12
Kuvayo 4:11-12 RUN1967
Uhoraho aramwishura, ati Ni nde yaremye akanwa k’umuntu? canke ni nde atera uburagi, cank’ ubupfamatwi, cank’ aha umuntu kubona, cank’ amuhumisha? Si jewe, Uhoraho? Nuko none genda, nanje nzobana n’akanwa kawe, nkwigishe ivyo ukwiye kuvuga.





