YouVersion Logo
Search Icon

2 Timoteyo 3:1-5

2 Timoteyo 3:1-5 RUN1967

Arik’ umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’ Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.