1
Itanguriro 32:28
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Wa mugabo aramubwira ati: “Ntugisubira kwitwa Yakobo. Kuva ubu uzokwitwa Isirayeli, kuko wagwanye n’Imana n’abantu ukanesha.”
Compare
Explore Itanguriro 32:28
2
Itanguriro 32:26
Wa mugabo aravuga ati: “Ndekura ngende kuko burakeye.” Yakobo aramwishura ati: “Sindakurekura, utampezagiye!”
Explore Itanguriro 32:26
3
Itanguriro 32:24
Ariko Yakobo we asigara inyuma ari wenyene, maze haza umugabo agwana na we kugeza bukeye.
Explore Itanguriro 32:24
4
Itanguriro 32:30
Yakobo yita aho hantu Peniyeli, bisigura “mu maso h’Imana”, kuko yavuga ati: “Nabonye Imana amaso mu yandi, ariko ndacari muzima!”
Explore Itanguriro 32:30
5
Itanguriro 32:25
Uwo mugabo abonye ko bimunaniye kunesha Yakobo, amukubita ku mutsi wo kw’itako, bituma Yakobo atangura gucumbagira mu gihe yariko aragwana na we.
Explore Itanguriro 32:25
6
Itanguriro 32:27
Aramubaza ati: “Witwa nde?” Yakobo aramwishura ati: “Nitwa Yakobo.”
Explore Itanguriro 32:27
7
Itanguriro 32:29
Yakobo aramubwira ati: “Ndakwinginze umbwire izina ryawe.” Wa mugabo aramwishura ati: “Umbariza iki izina ryanje?” Nuko aca amuhezagirira aho hantu.
Explore Itanguriro 32:29
8
Itanguriro 32:10
Wanyeretse urukundo rwinshi n’ubwizigirwa jewe umusavyi wawe, kandi ntari ndabikwiye. Igihe nava iwacu nkajabuka uruzi Yorodani, nta co nari mfise uretse inkoni. None raba ngarutse mfise iyi migwi ibiri.
Explore Itanguriro 32:10
9
Itanguriro 32:32
Ni co gituma n’uno musi Abisirayeli batarya umutsi wo kw’itako, kuko ari ho Yakobo yakubiswe.
Explore Itanguriro 32:32
10
Itanguriro 32:9
Hanyuma Yakobo aca asenga avuga ati: “Mana ya sogokuru Aburahamu na data Isaka; ewe UHORAHO, ni wewe wambwiye uti: ‘Subira mu gihugu cawe no mu ncuti zawe, nanje nzogukorera ivyiza.’
Explore Itanguriro 32:9
11
Itanguriro 32:11
Ndakwinginze, UHORAHO, unkize ukuboko kwa mwene mama Esawu. Ikinteye ubwoba ni uko aje kuntera, yice abagore n’abana banje.
Explore Itanguriro 32:11
Home
Bible
Plans
Videos