1
Itanguriro 12:2-3
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Nzokugira ihanga rikomeye kandi nzoguhezagira; izina ryawe nzorigira rurangiranwa, kandi uzobera abandi umuhezagiro. Abazoguhezagira nzobahezagira, kandi abazokuvuma nzobavuma; imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa biciye kuri wewe.”
Compare
Explore Itanguriro 12:2-3
2
Itanguriro 12:1
Maze UHORAHO abwira Aburamu ati: “Va mu gihugu cawe, mu bwoko bwawe no mu muryango wa so, uje mu gihugu nzokwereka.
Explore Itanguriro 12:1
3
Itanguriro 12:4
Nuko Aburamu aca aragenda nk’uko UHORAHO yamutegetse ajana n’umuhungwabo Loti. Igihe yava i Harani, Aburamu yari amaze imyaka mirongo indwi n’itanu.
Explore Itanguriro 12:4
4
Itanguriro 12:7
Hanyuma UHORAHO yiyereka Aburamu, aramubwira ati: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu.” Aburamu aca yubakira UHORAHO yamwiyeretse igicaniro aho hantu.
Explore Itanguriro 12:7
Home
Bible
Plans
Videos