1
Yesaya 6:8
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Numva ijwi ry’Umwami Imana rivuga, riti Ndatuma nde, ni nde yotugīra? Maze ndavuga, nti Ndi hano, ba ari jewe utuma.
Compare
Explore Yesaya 6:8
2
Yesaya 6:3
Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe.
Explore Yesaya 6:3
3
Yesaya 6:5
Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.
Explore Yesaya 6:5
4
Yesaya 6:1
Mu mwaka Umwami Uziya yatanzemwo, nabonye Umwami Imana avyagiye ku ntebe y’ubgami ndende, ashizwe hejuru, impuzu yiwe y’igisāga yuzuye urusengero.
Explore Yesaya 6:1
5
Yesaya 6:7
arinkoza ku munwa, arambarira, at’ Ehe, iri rikoze ku minwa yawe; ukugabitanya kwawe ugukūweko, icaha cawe kirahongewe.
Explore Yesaya 6:7
6
Yesaya 6:2
Abaserafi bari bahagaze hejuru yiwe: umuserafi wese yar’ afise amababa atandatu: abiri yayatwikiriza mu maso, yandi abiri yayatwikiriza ibirenge, yandi abiri yarayagurukisha.
Explore Yesaya 6:2
7
Yesaya 6:6
Maz’ umwe mu baserafi araguruka, aza aho ndi, afise ikara ryaka mu ntoke, yokoje ikimano ku gicaniro
Explore Yesaya 6:6
8
Yesaya 6:9
Arambarira, ati Genda, ubarire ubgo bgoko, uti Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimubitahure; kurāba muzokwama murāba, ariko ntimuvyihweze.
Explore Yesaya 6:9
9
Yesaya 6:10
Wame ukomantaza umutima w’ubgo bgoko, uhindure amatwi yabo bihurugutwi, uhume amaso yabo; kugira ngo ntibarābīshe amaso, ntibumvishe amatwi, ntibatahurishe imitima, ngo bahindukire bakire.
Explore Yesaya 6:10