1
Yohana 14:27
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. Ni co gituma mudakwiye guhagarika imitima canke ngo mugire ubwoba.
比較
Yohana 14:27で検索
2
Yohana 14:6
Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.
Yohana 14:6で検索
3
Yohana 14:1
“Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere.
Yohana 14:1で検索
4
Yohana 14:26
Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.
Yohana 14:26で検索
5
Yohana 14:21
Umuntu wese yakira amabwirizwa yanje akayashira mu ngiro, ni we ankunda. Kandi uwunkunda Data azomukunda. Nanje nzomukunda ndanamwiyereke.”
Yohana 14:21で検索
6
Yohana 14:16-17
Nanje nzosaba Data abahe uwundi Mwitsa azobana namwe ibihe vyose, ni we Mpwemu w’ukuri. Isi ntishobora kumwakira, kuko itamubona kandi itamuzi. Ariko mwebwe muramuzi, kuko abana namwe kandi azoba muri mwebwe.
Yohana 14:16-17で検索
7
Yohana 14:13-14
Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ahabwe icubahiro biciye mu Mwana. Ni ukuri, ico muzosaba cose mw’izina ryanje, nzogikora.
Yohana 14:13-14で検索
8
Yohana 14:15
Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.
Yohana 14:15で検索
9
Yohana 14:2
Mu rugo kwa Data hari amazu menshi, kandi ngiye kubategurira aho kuba. Iyo bitaba biri uko, nari kubibabwira.
Yohana 14:2で検索
10
Yohana 14:3
Ninaheza kubategurira aho kuba, nzogaruka kubatora, kugira ngo mubane nanje aho nzoba ndi.
Yohana 14:3で検索
11
Yohana 14:5
Toma aramubaza ati: “Mwami, ntituzi iyo ugiye kuja, none twomenya inzira ijayo gute?”
Yohana 14:5で検索