Matayo 27
27
Yuda yiyahura
1Kare mu gatondo, abaherezi bakurubakuru hamwe n’abakuru b’Abayuda bagira inama yo kwica Yesu. 2Baca baramufata, baramuboha, bamujana kwa Pilato, umutware w’Umuroma.
3Yuda yamugurishije abonye ko baciriye Yesu urubanza rwo gupfa, aca aricuza, hanyuma afata vya biceri vy’ifeza mirongo itatu, abishira abaherezi bakurubakuru hamwe n’abakuru, 4ababwira ati: “Nacumuye kuko nagurishije umuntu atagira icaha.”
Baramwishura bati: “Ivyo ntibituraba, ni ingorane yawe!”
5Yuda aca aterera ayo mahera mu rusengero, arasohoka aja kwiyahura.
6Abaherezi bakurubakuru batora ayo mahera, baravugana bati: “Ntivyemewe ko aya mahera tuyavanga n’ubutunzi bw’urusengero kuko yaguze amaraso.” 7Bamaze kuja inama, bafata ingingo yo kuyagura itongo ry’umubumvyi kugira ngo bazohore bahahamba abanyamahanga. 8Ni co gituma, gushika n’ubu iryo tongo ryitwa itongo ry’amaraso. 9Uko ni ko ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yeremiya vyashitse, aho yavuze ngo: “Bafashe vya biceri vy’ifeza mirongo itatu, ikiguzi Abisirayeli babonye ko akwiye, 10bayakoresha mu kugura itongo ry’umubumvyi nk’uko Uhoraho yabintegetse.”#27:10 Zakariya 11:12,13; Yeremiya 19:1-13; 32:6-9
Yesu ashikirizwa Pilato
11Nuko Yesu arengutswa imbere ya Pilato, umutware w’Umuroma, na we aramubaza ati: “Uri umwami w’Abayuda?”
Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”
12Ariko abaherezi bakurubakuru hamwe n’abakuru b’Abayuda bamwagirije, ntiyishura na kimwe. 13Pilato aramubwira ati: “Mbega ntiwumva ivyo bakurega?” 14Ariko Yesu ntiyagira ijambo na rimwe yishura, bituma uwo mutware atangara cane.
15Mu gihe c’imisi mikuru ya Pasika, umutware w’Umuroma yari afise umugenzo wo kurekura imbohe abantu bihitiyemwo. 16Ico gihe, hariho imbohe izwi cane yitwa Yesu#27:16 Hariho inzandiko zimwezimwe za Bibiliya zidafise Yesu; ni ko biri no ku murongo wa 17. Baraba. 17Nuko Pilato abaza abantu bari bakoraniye aho ati: “Mbega mugomba ko ndabarekurira imbohe iyihe: Baraba canke Yesu yitwa Kristo?” 18Pilato yari azi neza ko ari ishari ryatumye bamuzanira Yesu ngo amucire urubanza.
19Pilato acicaye aho acira imanza, umugore wiwe amurungikira ubutumwa buvuga ngo: “Ntihagire ikintu na kimwe ugira uwo mugororotsi, kuko naraye mbabajwe cane mu ndoto kubera we.”
20Ariko abaherezi bakurubakuru n’abakuru b’Abayuda, bemeza abantu ko basaba Baraba kugira ngo Yesu abe ari we abambwa.
21Hanyuma Pilato arababaza ati: “Ni nde muri aba babiri mugomba ko ndabarekurira?”
Barishura bati: “Baraba.”
22Hanyuma Pilato arababaza ati: “Yesu bita Kristo wewe ndamugire nte?”
Bose bishurira rimwe bati: “Nabambwe!”
23Ariko Pilato arababaza ati: “Kubera iki? Ni ikihe caha yakoze?”
Ariko barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe!”
24Pilato abonye ko ata co ariko arashikako, ahubwo ko umuvurungano ukomeza kwiyongera, afata amazi, akarabira imbere y’abantu, avuga ati: “Jewe ndera, amaraso y’uwu muntu, ari kuri mwebwe!”
25Abantu bose barishura bati: “Amaraso yiwe azotwagire twebwe n’abana bacu!”
26Pilato aca abarekurira Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe.
Abasoda bashinyagurira Yesu
27Abasoda ba Pilato batwara Yesu aho umutware w’Umuroma yakorera, hanyuma bakoranya abandi basoda bagize umugwi wabo. 28Bamwambura impuzu ziwe, bamwambika ikanzu itukura, 29hanyuma bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika mu mutwe. Bamufatisha mu kuboko kw’i buryo inkoni y’irenga. Maze, bapfukama imbere yiwe bamushinyagurira bati: “Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!” 30Bamucirako amate, bafata rya renga baguma barimukubita mu mutwe. 31Bahejeje kumushinyagurira, bamwambura ya mpuzu itukura, basubira kumwambika impuzu ziwe, hanyuma bamujana kumubamba.
Babamba Yesu ku musaraba
32Bariko barasohoka bava mu gisagara, bahura n’umuntu yitwa Simoni w’i Kurene, bamutegeka gutwaza Yesu umusaraba. 33Nuko bashika ahantu hitwa Gologota bisigura “Ahantu h’Agahanga”. 34Abasoda bamuha umuvinyu w’inkarisha, ariko amaze kuwumviriza, yanka kuwunywa. 35Bamubamba ku musaraba, bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo, 36maze bicara ngaho kugira ngo bamucunge. 37Hejuru y’umutwe wiwe, bashiraho icandiko c’ibirego vyatumye abambwa cavuga ngo:
Uwu ni Yesu umwami w’Abayuda.
38Abasoda bongera babamba ibisuma bibiri i ruhande ya Yesu, kimwe i buryo, ikindi i bubamfu. 39Abahita bakagenda baramutuka bamuzunguriza umutwe, 40bakamubwira bati: “Wewe wavuze ko wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu. Nimba uri Umwana w’Imana niwikize wikure ku musaraba!” 41Abaherezi bakurubakuru, abigisha b’ivyagezwe hamwe n’abakuru b’Abayuda, na bo nyene baramucokora, bavuga bati: 42“Yakijije abandi ariko we ntashobora kwikiza! Nimba ari Umwami w’Abisirayeli, niyikure ku musaraba natwe duce tumwizera.” 43Yizigiye Imana, rero Imana nimba imukunda nimutabare kuko yavuze ati: “Ndi Umwana w’Imana.” 44Kandi na vya bisuma vyari bibambanywe na we na vyo biramutuka.
Urupfu rwa Yesu
45Kuva isaha zitandatu z’umurango kugeza isaha icenda, haba umwijima, utwikira igihugu cose. 46Isaha y’icenda igira ishike, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eli, Eli,#27:46 Inzandiko zimwezimwe za Bibiliya zifise Eloyi, Eloyi. lema sabakitani?” (bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?”).#27:46 Zaburi 22:1
47Bamwe mu bari bahagaze aho bumvise ivyo, baca bavuga bati: “Ariko ahamagara Eliya!”
48Ubwo nyene, umwe muri bo ariruka afata sipongo, ayijobeka mu nkarisha, ayishira kw’irenga ngo ayimunyweshe. 49Ariko abandi baravuga bati: “Banza ureke turabe ko Eliya aza kumutabara!”
50Yesu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, hanyuma aracikana.
51Uwo mwanya nyene, igitambara co mu rusengero gitandukanya Ahera n’Ahera Cane gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi. Isi iranyiganyiga, ibitandara birasatagurika, 52imva ziruguruka kandi imibiri myinshi y’abera irazuka. 53Bava mu mva, kandi Yesu amaze kuzuka, binjira i Yerusalemu, igisagara cera, babonekera abantu benshi.
54Intwazangabo y’Umuroma n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”
55Abagore benshi bari bavuye i Galilaya bazananye na Yesu kugira ngo bamushigikire mu gikorwa ciwe, bari ngaho babirabira kure. 56Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo na Yosefu, na nyina wa bene Zebedayo.
Bahamba Yesu
57Buriko burira, haza umutunzi w’i Arimataya yitwa Yosefu, kandi na we nyene yari umwigishwa wa Yesu. 58Aja kwa Pilato, amusaba ikiziga ca Yesu. Maze Pilato ategeka ko bakimuha. 59Yosefu afata ico kiziga, akizingira mu gitambara cera, 60hanyuma agishira mu mva nshasha yari aherutse kwiyimbishiriza mu gitandara. Nuko aca atembagariza ikibuye kinini ku muryango w’iyo mva arayugara. 61Mariya Magadalena na Mariya wundi, bari bicaye aharabana n’imva.
Bashiraho abarinda imva ya Yesu
62Umusi ukurikira, hari kw’Isabato, abaherezi bakurubakuru hamwe n’Abafarisayo baja kwa Pilato, 63bamubwira bati: “Nyakwubahwa, twibutse ivyo wa mubeshi yari yaravuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozuka.’ 64Turagusavye rero utange itegeko ryo gucunga imva yiwe kugeza ku musi ugira gatatu. Ivyo bizotuma abigishwa biwe bataza kwiba ikiziga ciwe, hanyuma bakabwira abantu ko yazutse mu bapfuye. Bibaye uko ububeshi bwiwe bwa nyuma bwoba bubi kurusha ubwa mbere.”
65Pilato arabishura ati: “Ng’abo abasoda, nimugende mucunge iyo mva yiwe uburyo bwose mwipfuza.” 66Baca baragenda bashira ikimenyetso ku kibuye cugaye imva, hanyuma bashiraho abasoda bo kuyicunga.
Цяпер абрана:
Matayo 27: BKC
Пазнака
Падзяліцца
Капіяваць
Хочаце, каб вашыя адзнакі былі захаваны на ўсіх вашых прыладах? Зарэгіструйцеся або ўвайдзіце
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.