1
Matayo 27:46
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Isaha y’icenda igira ishike, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eli, Eli, lema sabakitani?” (bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?”).
Параўнаць
Даследуйце Matayo 27:46
2
Matayo 27:51-52
Uwo mwanya nyene, igitambara co mu rusengero gitandukanya Ahera n’Ahera Cane gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi. Isi iranyiganyiga, ibitandara birasatagurika, imva ziruguruka kandi imibiri myinshi y’abera irazuka.
Даследуйце Matayo 27:51-52
3
Matayo 27:50
Yesu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, hanyuma aracikana.
Даследуйце Matayo 27:50
4
Matayo 27:54
Intwazangabo y’Umuroma n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”
Даследуйце Matayo 27:54
5
Matayo 27:45
Kuva isaha zitandatu z’umurango kugeza isaha icenda, haba umwijima, utwikira igihugu cose.
Даследуйце Matayo 27:45
6
Matayo 27:22-23
Hanyuma Pilato arababaza ati: “Yesu bita Kristo wewe ndamugire nte?” Bose bishurira rimwe bati: “Nabambwe!” Ariko Pilato arababaza ati: “Kubera iki? Ni ikihe caha yakoze?” Ariko barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe!”
Даследуйце Matayo 27:22-23
Стужка
Біблія
Планы чытання
Відэа