Itanguriro 28

28
1 # Ita 24:3-6. Nuko Isaka ahamagara Yakobo, aramuhezagira, aramwihanikiriza, ati Ntuz’ usabe Umunyakananikazi. 2#Ita 25:20.Va hasi, uje i Padan‐aramu kwa Betuweli sogokuru; uz’ usabey’ umugeni mu bakobga ba Labani nyokorome. 3#Ita 17:1, 6.Kand’ Imana Ishobora vyose iguhe umugisha, iguhe kurondoka, ikugwize, kugira ng’uhindukemw’ isinzi ry’amahanga. 4#Ita 12:2, 3; 17:8.Kand’ iguhe umugisha yahaye Aburahamu, wewe n’uruvyaro rwawe na rwo, kugira ngo wegukire iki gihugu wabayemwo kitār’ icanyu, ico Imana yemereye guha Aburahamu. 5#Hos 12:12.Nuko Isaka arungika Yakobo: aragenda, aja i Padan‐aramu kwa Labani mwene Betuweli Umwaramu, musaza wa Rebeka, nyina wa Yakobo na Esau.
6Maze Esau abona yuko Isaka ahezagiye Yakobo, akamurungika i Padan‐aramu gusabay’ umugeni; kandi ko yamwihanikirije akimuhezagira, ati Ntuz’ usabe Umunyakananikazi; 7kandi ko Yakobo yumviye se na nyina, akaja i Padan‐aramu. 8#Ita 26:35.Nuko Esau abonye yukw Abanyakananikazi batanezereye se wiwe Isaka, 9#Ita 25:13; 36:3.aca aja kwa Ishimayeli, asabayo Mahalati mushiki wa Nebayoti, umukobga wa Ishimayeli, Ishimayeli mwene Aburahamu, amuharika ba bagore yar’asanganywe.
Yakobo arota icuririzo
10 # Ita 26:33; 27:43. Yakobo ava i Beri‐sheba, agenda atumbereye i Harani. 11Ashika ahantu araharāra, kukw izuba ryari ricokeye: yābīra ibuye mu mabuye yaho, araryisegura, aryama aho hantu arasinzira. 12#Yob 33:15, 16; Yoh 1:51.Ararota, abona icuririzo gishinzwe hasi, umutwe waco ugashika mw ijuru: abona abamarayika b’ Imana bakidūgako, bakimanukako. 13#Ita 13:15; 26:24; 35:1; 48:3.Kand’ Uhoraho yar’ ahagaze hejuru yaco, aramubarira, ati Nd’ Uhoraho, Imana ya Aburahamu sogokuru, Imana ya Isaka: iki gihugu uryamyemwo, nzokiguha, mwe n’uruvyaro rwawe; 14#Ita 12:3; 13:16.kand’ uruvyaro rwawe ruzongana n’umukungugu wo hasi, ruzogasāra i burengerazuba n’i burasirazuba n’i burārūko n’i bumanuko: kandi muri wewe no mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha. 15#Ita 26:24; 31:3; 35:6; Guh 23:19.Kand’ ehe rāba ndi kumwe nawe, nzokuzigamira ah’uzoja hose, kandi nzokugarukana mur’ iki gihugu; kuko ntazokureka ntarakora ivyo nkubariye. 16Yakobo arikangura, aravuga, ati N’ukuri Uhoraho ar’ aha hantu; nanje sinari ndabizi. 17Aratinya, aravuga, at’ Ereg’ aha hantu hateye ubgoba! At’ Aha n’inzu y’Imana s’ikindi, aha ni ho rembo ry’ijuru. 18#Ita 31:13, 45; 35:14; 1 Sam 7:12.Yakobo azinduka kare mu gatondo, yābīra rya buye yiseguye, ararishinga ngo ribe inkingi, arisukakw amavuta ya elayo. 19#Ita 35:7; Abac 1:23.Aho hantu aca ahita Beteli,#28:19 Beteli hasobanurwa ngw Inzu y’Imana. arik’ ubga mbere ico gisagara citwa Luzi. 20#Ita 31:13.Yakobo asezerana isezerano, at’ Imana ni yabana nanje, ikanzigamira mur’ uru rugendo ndimwo, ikampa ivyo kurya n’ivyo kwambara, 21#Gus 26:17; Abac 11:31; 2 Sam 15:8.nkazogaruka kwa data nkir’ amahoro, Uhoraho azoba Imana yanje, 22#Ita 14:20; 35:7, 14; Lew 27:30.n’iri buye nshinze kw inkingi rizoba inzu y’ Imana: ati Kandi ku vy’uzohora umpa vyose, sinzobura kuguhamw’ ikigiracumi.

Kleurmerk

Kopieer

Vergelyk

Deel

None

Wil jy jou kleurmerke oor al jou toestelle gestoor hê? Teken in of teken aan

Video vir Itanguriro 28