Matayo 2

2
Abanyabgenge b’inyenyeri baninahaza Yesu
1Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu,#Luk 2:1–7 2barabaza, bat’ Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twābonye inyenyeri yiwe, tur’ i burasirazuba, none tukaba tuzanywe no kumushengerera.#Guh 24:17 3Umwami Herode avyumvise, ahagarikana umutima n’ab’i Yerusalemu bose. 4Akoranya abaherezi bakuru n’ abanyabgenge b’ivyanditswe bose bo mur’ ubgo bgoko, arababaza, ati Kristo azovukira hehe? 5Bati N’i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya, ni ko vyanditswe n’ umuntu yavugishwa n’Imana,#Mik 5:2; Yoh 7:42
6ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda,
Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda,
Kuko kuri wewe hazova ūganza,
Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.
7Buno Herode ahamagaza ba banyabgenge mu mpisho, abasiguza igihe iyo nyenyeri yabonekeye. 8Abatuma i Betelehemu, ati Mugende, mubaze mushirutse umwete ivy’ uwo mwana. Ni mwamubona muce muza kumbarira, ngo nanje nze kumushengerera. 9Na bo bumvise iry’ umwami, baragenda. Maz’ iyo nyenyeri bābonye i burasirazuba irabarōngōra, irinda ishika hejuru y’ah’ uwo mwana ari, ihagararaho. 10Babonye iyo nyenyeri banezerwa akaneza kenshi cane. 11Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.#Zab 72:10, 15; Yes 60:6 12Babgiriwe n’Imana mu nzozi ngo ntibasubire guca kwa Herode, baca mu yindi nzira, bīsubirira mu gihugu c’i wabo.
Guhungira muri Egiputa
13Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.#Kuv 2:15 14Ahenga mw ijoro aravyuka, ajana umwana na nyina, aja muri Egiputa, 15agumayo gushitsa Herode amaze gutanga, ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu wavugishwa na we bishike, ngo Nahamagaye umwana wanje ngw ave muri Egiputa.#Hos 11:1
Herode ageseza abana b’i Betelehemu
16Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge. 17Ni ho ivyavuzwe na Yeremiya yavugishwa n’Imana vyashikiye,#Yer 31:15
18ngw Induru yumvikana i Rama,
Amarira n’amaborogo menshi;
Rakeli aririra abana biwe,
Yanka kwīrūrwa, kuko batakiriho.#Ita 35:19
Bajana Yesu i Nazareti
19Herode amaze gutanga, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi ari muri Egiputa, 20aramubgīra, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uje mu gihugu c’i Bgisirayeli, kukw abārondera kwica umwana bāpfuye.#Kuv 4:19 21Avyutse, ajana umwana na nyina, aragenda, ashika mu gihugu c’i Bgisirayeli. 22Ariko yumvise yuko Arukelayo yimye i Yudaya, asubiye ku ngoma ya se Herode, atinya kujayo. Abgiriwe mu nzozi, aja mu bihugu vy’i Galilaya. 23Ashitseyo, agerēra mu gisagara citwa Nazareti, ngw ivyavuzwe n’abāvugishwa n’Imana bishike, ngw Azokwitwa Umunyanazareti.#Luk 1:26; 2:39; Yes 11:1; 53:2; Yoh 1:46

Nu markerat:

Matayo 2: RUN1967

Märk

Dela

Kopiera

None

Vill du ha dina höjdpunkter sparade på alla dina enheter? Registrera dig eller logga in

YouVersion använder cookies för att anpassa din upplevelse. Genom att använda vår webbplats accepterar du vår användning av cookies enligt beskrivningen i vår Integritetspolicy