Лого на YouVersion
Икона за пребарување

Matayo 14

14
Herode Antipa yica Yohana Umubatizi
1Muri ico gihe, Herode Antipa yumva amakuru ya Yesu; 2aca abwira abagendanyi biwe ati: “Uwo ategerezwa kuba ari Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye! Ni co gituma afise ubushobozi bwo gukora ibitangaza.”
3Kuko Herode Antipa yari yarafashe Yohana, aramuboha, amuta mw’ibohero. Kandi ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya uwo yari yararongoye, yahora ari umugore w’uwo bavukana yitwa Filipo. 4Yohana yama abwira Herode ati: “Ntivyemewe ko urongora uwo mugore.” 5Herode na we yama agomba kwica Yohana ariko agatinya abantu, kuko babona Yohana nk’uwuvugishwa n’Imana.
6Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka rya Herode, umukobwa wa Herodiya araza atambira abatumire, maze ivyo binezereza Herode cane, 7bituma amusezeranira ashizeko n’indahiro ko amuha ico amusaba cose. 8Uwo mukobwa amaze kwoshwa na nyina wiwe, abwira Herode ati: “Ndasavye umpere kuri iyi siniya umutwe wa Yohana Umubatizi.” 9Maze umwami Herode arababara cane kubera ivyo yavuze, ariko kubera indahiro yari yarahiriye imbere y’abatumire biwe, avuga ko uwo mukobwa bamuha ico asavye. 10Nuko arungika umuntu asanga Yohana Umubatizi mw’ibohero, amuca umutwe, 11awuzana kw’isiniya, awuha wa mukobwa, na we awushira nyina. 12Abigishwa ba Yohana baraza batora ikiziga ciwe baja kugihamba, hanyuma baragenda babwira Yesu ivyabaye.
Yesu ahaza abantu ibihumbi bitanu
13Yesu amaze kuvyumva, aca ava ngaho agenda n’ubwato, aja ahantu hiherereye. Ariko abantu bamaze kumenya iyo yagiye, bava mu bisagara bagenda n’amaguru baramukurikira. 14Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera akagongwe, aca abakiriza abagwaye.
15Bugorovye, abigishwa biwe baza aho ari bamubwira bati: “Aha hantu turi ni mu gahinga kandi buriko burira. Rungika aba bantu bagende mu mihana bigurire ivyo barya.”
16Yesu arabishura ati: “Ntibikenewe ko bagenda. Ba ari mwebwe mubagaburira.”
17Baramwishura bati: “Aha dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa.”
18Arababwira ati: “Nimubinzanire.” 19Hanyuma abwira abantu ngo bicare mu vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, vyose abihereza abigishwa biwe na bo babiha abo bantu. 20Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye. 21Abariye bari abagabo nk’ibihumbi bitanu, udashizemwo abagore n’abana.
Yesu agendagenda ku mazi
22Ubwo nyene Yesu abwira abigishwa biwe ngo baje mu bwato babe baragenda bamwitangire imbere mu kujabuka, na we asigare arasezera abantu. 23Amaze gusezera abantu, aca aduga umusozi wenyene aja gusenga, maze burira akiri ngaho wenyene. 24Ubwato bumaze kugenda urugendo rutari ruto buva ku nkengera, haza umuyaga ubaturutse imbere, ubwato buzungazungishwa n’imipfunda iteye ubwoba.
25Buri hafi guca, Yesu aza aho bari agendera ku mazi. 26Abigishwa biwe bamubonye agendagenda ku mazi, bagira ubwoba bwinshi, barataka bavuga bati: “Ni umuzimu.”
27Ariko Yesu arababwira ati: “Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba.”
28Petero aca avuga ati: “Mwami, nimba ari wewe, mbwira nze aho uri, ngendagenda ku mazi.”
29Yesu aca amubwira ati: “Ingo.”
Petero ava mu bwato, atangura kugendagenda ku mazi aja iyo Yesu ari. 30Ariko abonye ko umuyaga ari mwinshi, agira ubwoba bwinshi. Atanguye kudobera mu mazi, arasemerera ati: “Mwami, ntabara!”
31Ubwo nyene, Yesu atuma ukuboko aramufata, amubwira ati: “Wa muntu w’ukwizera guke, ni kuki wakekeranije?”
32Maze baca batambukira mu bwato, umuyaga uca urahagarara. 33Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”
34Bamaze kujabuka, bashika hakurya ahitwa Genezareti. 35Abantu baho bamenye ko ari Yesu, baca babimenyesha abo muri ako karere bose, na bo bamuzanira ababo bagwaye. 36Baramwinginga ngo yemerere abagwaye bapfume bakora no ku musozo w’impuzu yiwe, kandi abamukorako bose baca bakira.

Селектирано:

Matayo 14: BKC

Нагласи

Сподели

Копирај

None

Дали сакаш да ги зачуваш Нагласувањата на сите твои уреди? Пријави се или најави се