Matayo 12
12
Yesu ni Umwami w’Isabato
1Hanyuma y’ivyo, Yesu aragenda aca mu mirima y’ingano kandi hari ku musi w’Isabato. Abigishwa biwe bari bashonje, baca batangura guca imitwe y’ingano zeze, barazivungura, bakuramwo intete barazirya. 2Abafarisayo babibonye, baramubwira bati: “Ehe raba abigishwa bawe bariko bakora ikizira ku musi w’Isabato!”
3Yesu arabishura ati: “Mbega ntimurasoma ivyo Dawidi yakoze igihe we n’abo bari kumwe bari bashonje? 4Yinjiye mu nzu y’Imana, arya imikate yashikaniwe Imana, yongera ahako n’abari kumwe na we; kandi abaherezi ari bo bonyene bari bemerewe kuyirya. 5Canke mbega ntimurasoma mu Vyagezwe ingene abaherezi batubahiriza umusi w’Isabato, iyo bariko barakora ibikorwa vyabo vyo mu rusengero kandi ntibabe bakoze icaha? 6Ariko ndababwire, hano hari uwurengeye urusengero! 7Iyo muba mutahura ijambo rivuga ngo: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi,’#12:7 Hoseya 6:6 ntimwari gutsindisha abatagira icaha. 8Kuko Umwana w’Umuntu ari Umwami w’Isabato.”
9Avuye ngaho, yinjira mw’isinagogi yabo, 10ahasanga umuntu akongataye ukuboko. Mu kurondera ico bafatirako kugira ngo bamwagirize, baramubaza bati: “Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?”
11Na we arabishura ati: “Muri mwebwe uwoba afise intama imwe hanyuma ikagwa mu kinogo ku musi w’Isabato, ntiyoyikurayo? 12Namwe murazi neza ko umuntu afise agaciro karengeye ak’intama! Ni co gituma vyemewe gukora iciza ku musi w’Isabato.”
13Hanyuma aca abwira uwo muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira neza kumera nk’ukundi. 14Abafarisayo baca baragenda baja kugira inama y’ingene bokwica Yesu.
Umukozi yatoranijwe n’Imana
15Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira, akiza abagwaye bose bari muri bo, 16ariko arabihanikiriza ngo ntihagire abandi babwira uwo ari we. 17Ivyo vyabaye kugira ngo ivyo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze bishike, aho yavuze ati:
18“Ng’uwu umukozi wanje natoranije,
uwo nkunda kandi umutima wanje unezerererwa.
Nzomushirako Mpwemu wanje,
na we azomenyesha amahanga ivy’ubutungane.
19Ntazotongana canke ngo avuze urwamo;
nta n’umwe azokwumva ijwi ryiwe mu mabarabara.
20Irenga rivunitse ntazorihohosha,
kandi n’urumuri rwaka buhoro ntazoruzimya,
kandi ivyo azobikora kugeza ubutungane busasagaye.
21Amahanga azokwizigira izina ryiwe.”#12:21 Yesaya 42:1-4
Yesu akiza impumyi y’ikiragi
22Hanyuma bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kutabona n’uburagi. Nuko Yesu akiza uwo muntu, aca aravuga kandi arabona. 23Maze abantu benshi bari aho baratangara cane, baca batangura kubazanya bati: “Mbega uwu yoba ari wa Mwana wa Dawidi?”
24Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”
25Yesu amenye ivyiyumviro vyabo, aca ababwira ati: “Ubwami bwose iyo bwiciyemwo ibice buba bugiye gusenyuka. Kandi iyo igisagara canke umuryango vyiciyemwo ibice ntibishobora kurama. 26Nimba Satani yirukana Satani akicamwo ibice, none ubwami bwiwe bworama bute? 27Canke nimba Beyelizebuli ari we anshoboza kwirukana abadayimoni, abigishwa banyu bo babishobozwa na nde? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha. 28Ariko nimba ari Mpwemu w’Imana anshoboza kwirukana abadayimoni, noneho Ubwami bw’Imana bwashitse muri mwebwe.
29 Ikindi, umuntu yoshobora ate kwinjira mu nzu y’umunyenkomezi ngo amunyage ivyo atunze atabanje kumuboha? Aho ni ho honyene ashobora kwinjira mu nzu akamunyaga ivyiwe.
30 Uwutari kumwe nanje wese arangwanya, kandi uwutariko aramfasha kwegeranya wese, aba ariko arasanzaza. 31Ni co gituma ndababwira ko icaha ico ari co cose, n’ugutuka Imana ukwo ari kwo kwose abantu bashobora kubiharirwa, ariko gutuka Mpwemu Yera ntibazoshobora kubiharirwa. 32Umuntu wese atuka Umwana w’Umuntu, azobiharirwa; ariko uwutuka Mpwemu Yera ntazobiharirwa, haba muri kino gihe canke mu gihe kizoza.
33 Igiti iyo ari ciza n’ivyamwa vyaco biba vyiza, kandi igiti iyo ari kibi n’ivyamwa vyaco biba bibi; kuko igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco. 34Mwa bana b’inzoka mwe, mbega mwovuga ivyiza mute kandi muri babi? Erega ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga. 35Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umuntu mubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. 36Ariko ndababwira ko ku musi w’imanza, umuntu wese azobazwa ijambo ryose ritagira ikimazi yavuze. 37Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda canke utsindwa n’urubanza.”
Basaba Yesu ikimenyetso
38Hanyuma bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baramubwira bati: “Mwigisha, dushaka ko uduha ikimenyetso cerekana ububasha bwawe.”
39Arabishura ati: “Abantu ba kino gihe bameze nabi kandi b’abasambanyi ni bo basaba ikimenyetso! Ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa atari ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona. 40Kuko nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’Umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’isi. 41Ku musi wo guca imanza, abantu b’i Ninewe bazohaguruka bagirize abantu ba kino gihe kandi babatsindishe, kuko bo bihanye bamaze kwumva ubutumwa bwa Yona; ariko raba uwuruta Yona ari hano. 42Ku musi wo guca imanza, umwamikazi w’i Sheba azohaguruka yagirize abantu ba kino gihe kandi abatsindishe, kuko yahagurutse akava ku mpera z’isi aje kwumviriza amajambo y’ubwenge ya Salomo; ariko raba uwuruta Salomo ari hano.
43 Iyo impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica igenda iyerera mu bugaragwa irondera aho yoruhukira ariko ikahabura. 44Maze, ica ivuga iti: ‘Reka nisubirire muri ya nzu nahoramwo.’ Ishitse, isanga iyo nzu yahoramwo ata kiyibamwo, isukuye kandi itunganije neza. 45Maze ica igenda, ikazana izindi mpwemu mbi indwi ziyirusha ububi, zikinjira muri wa muntu, zikibera ngaho. Ivya nyuma vy’uwo muntu biba bibi kurusha ivya mbere. Uko ni ko bizogenda ku bantu ba kino gihe kibi.”
Nyina na bene nyina ba Yesu
46Yesu akiriko aravugana n’abantu benshi bari ngaho, nyina na bene nyina baraza bahagarara hanze, bashaka kuvugana na we. 47Umuntu umwe araza aramubwira ati: “Nyoko na bene nyoko bahagaze hanze, bashaka kuvugana nawe.”
48Yesu na we amwishura ati: “Mbega mama ni nde kandi bene mama ni ba nde?” 49Nuko atunga urutoke abigishwa biwe, avuga ati: “Aba ni bo mama kandi ni bo bene mama. 50Kuko uwukora ivyo Data wo mw’ijuru agomba wese ni we mwene mama, kandi ni we mama.”
Селектирано:
Matayo 12: BKC
Нагласи
Сподели
Копирај
Дали сакаш да ги зачуваш Нагласувањата на сите твои уреди? Пријави се или најави се
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.