1
Yohana 8:12
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.”
比較
Yohana 8:12で検索
2
Yohana 8:32
Muzomenya ukuri, na kwo kuzobaha ukwidegemvya.”
Yohana 8:32で検索
3
Yohana 8:31
Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwizeye ati: “Ikizokwerekana ko muri abigishwa banje vy’ukuri ni ugushira mu ngiro inyigisho zanje.
Yohana 8:31で検索
4
Yohana 8:36
None rero, Umwana niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya vy’ukuri.
Yohana 8:36で検索
5
Yohana 8:7
Ba bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo babandanije bamubaza, aca urunamuka arababwira ati: “Umuntu atagira icaha muri mwebwe nabe ari we aba uwa mbere mu kumutera ibuye.”
Yohana 8:7で検索
6
Yohana 8:34
Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, umuntu wese akora icaha ni umugurano waco.
Yohana 8:34で検索
7
Yohana 8:10-11
Yesu arunamuka aramubaza ati: “Mbega abariko barakwagiriza bagiye he? Nta n’umwe yaguciriye urubanza?” Na we aramwishura ati: “Oya, nyakwubahwa.” Yesu aramubwira ati: “Nanje nta rubanza ndagucira. Niwigire ariko ntugasubire gukora icaha.”]
Yohana 8:10-11で検索