1
Yohana 6:35
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Yesu arabishura ati: “Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa.
比較
Yohana 6:35で検索
2
Yohana 6:63
Mpwemu w’Imana ni we atanga ubugingo, umuntu nta co yokwishoboza. Amajambo nababwiye arimwo impwemu kandi ni ubugingo.
Yohana 6:63で検索
3
Yohana 6:27
Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”
Yohana 6:27で検索
4
Yohana 6:40
Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”
Yohana 6:40で検索
5
Yohana 6:29
Yesu arabishura ati: “Iki ni co gikorwa Imana ishaka ko mukora: nimwizere uwo yatumye.”
Yohana 6:29で検索
6
Yohana 6:37
Ariko abo Data yampaye bose bazoza aho ndi kandi sinzokwigera nirukana uwuje aho ndi.
Yohana 6:37で検索
7
Yohana 6:68
Simoni Petero aramwishura ati: “Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega ni wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira!
Yohana 6:68で検索
8
Yohana 6:51
Ni jewe mukate w’ubugingo wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese arya uwo mukate azobaho ibihe bidashira. Uwo mukate ni umubiri wanje nzotanga kugira ngo isi igire ubugingo.”
Yohana 6:51で検索
9
Yohana 6:44
Nta muntu n’umwe ashobora kuza aho ndi Data yantumye atamuzanye, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma.
Yohana 6:44で検索
10
Yohana 6:33
Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo.”
Yohana 6:33で検索
11
Yohana 6:48
Ni jewe mukate w’ubugingo.
Yohana 6:48で検索
12
Yohana 6:11-12
Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye ngaho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya nk’uko babishaka. Bamaze guhaga bose, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Nimwegeranye utumanyu twasigaye, ntihagire igipfa ubusa.”
Yohana 6:11-12で検索
13
Yohana 6:19-20
Bamaze gusoza nka sitadiyo mirongo ibiri na zitanu canke mirongo itatu, babona Yesu agendagenda ku mazi yegera ubwato barimwo, maze bagira ubwoba. Yesu arababwira ati: “Ni jewe. Ntimugire ubwoba.”
Yohana 6:19-20で検索