1
Yohana 19:30
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: “Birarangiye.” Nuko ajondamika umutwe aracikana.
比較
Yohana 19:30で検索
2
Yohana 19:28
Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.”
Yohana 19:28で検索
3
Yohana 19:26-27
Yesu abonye nyina ahagaze aho, na wa mwigishwa Yesu yakunda amwegereye, abwira nyina ati: “Muvyeyi, ng’uwo umwana wawe,” abwira wa mwigishwa ati: “Ng’uwo umuvyeyi wawe.” Kuva ico gihe, wa mwigishwa aca ajana Mariya iwe.
Yohana 19:26-27で検索
4
Yohana 19:33-34
Ariko bashikiriye Yesu basanga yamaze gucikana, ntibaba bakimuvuna amaguru. Umwe mu basoda acumita Yesu icumu mu rubavu, haseseka amaraso n’amazi.
Yohana 19:33-34で検索
5
Yohana 19:36-37
Ibi vyabaye kugira ngo hashitswe Ivyanditswe bivuga ngo: “Nta na rimwe mu magufa yiwe rizovunika.” Ahandi Ivyanditswe bivuga ngo: “Bazobona uwo bacumise.”
Yohana 19:36-37で検索
6
Yohana 19:17
Yesu asohoka yikoreye umusaraba wiwe, ajanwa ahantu hitwa Nyagihanga (mu Giheburayo hitwa Gologota).
Yohana 19:17で検索
7
Yohana 19:2
Abasoda bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika mu mutwe, bamwambika n’impuzu y’ubwami
Yohana 19:2で検索