1
Matayo 27:46
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Nko kw isaha y’icenda Yesu asemerera n’ijwi rirenga, ati Eli, Eli, lama sabakatani? risobanurwa ngo Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje?
Confronta
Esplora Matayo 27:46
2
Matayo 27:51-52
Igihuzu gikingiriye ahēra cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi; isi iratigita; ibitandara birasaduka; imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bāri basinziriye irazurwa
Esplora Matayo 27:51-52
3
Matayo 27:50
Yesu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, umutima uraca.
Esplora Matayo 27:50
4
Matayo 27:54
Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.
Esplora Matayo 27:54
5
Matayo 27:45
Uhereye kw isaha ya gatandatu ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose gushitsa kw isaha y’icenda.
Esplora Matayo 27:45
6
Matayo 27:22-23
Pilato arababaza, ati None Yesu yitwa Kristo, we ndamugire nte? Bose bati N’abambge. Arababaza, ati Ku ki? Yakoze ikibi ki? Ariko barushiriza gusemerera cane, bati N’abambge.
Esplora Matayo 27:22-23