Matayo 17

17
Ugukayangana kwa Yesu
1Haheze imisi itandatu, Yesu ajana Petero, Yakobo na mwene nyina Yohana, abadugana ku musozi muremure, ari bonyene. 2Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zirahinduka, zirera derere kurya kw’umuco. 3Ubwo nyene, baja babona Mose na Eliya bariko bavugana na Yesu.
4Petero abwira Yesu ati: “Mwami, bitubereye vyiza kuba hano hantu. Ubikunze, reka ndahashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.”
5Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Maze ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!”
6Abigishwa bumvise iryo jwi, bagira ubwoba bwinshi, bituma bagwa hasi bubamye. 7Maze Yesu arabegera abakorako, ababwira ati: “Nimuve hasi, ntaco mutinya.” 8Bunamuye amaso, ntibagira uwundi babona atari Yesu.
9Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.”
10Hanyuma abigishwa baramubaza bati: “None ni kuki abigisha b’ivyagezwe bavuga ko Eliya ategerezwa kubanza kuza?”
11Yesu arabishura ati: “Ni ukuri, Eliya ategerezwa kubanza kuza kugira ngo asubize vyose mu buryo. 12Ariko ndababwire, Eliya yaramaze kuza, yamara ntibamumenye, ahubwo bamukoreye ivyo bishakiye. Uko ni ko n’Umwana w’Umuntu bagiye kumugirira nabi.” 13Abigishwa baca batahura ko yariko avuga Yohana Umubatizi.
Yesu akiza umuhungu aboshwe n’idayimoni
14Bashitse musi y’umusozi, basanga abantu isinzi babarindiriye. Umugabo umwe aramwegera, apfukama imbere yiwe. 15Amubwira ati: “Mwami, girira akagongwe umuhungu wanje, kuko arimwo idayimoni itera intandara kandi arababaye cane. Ni kenshi imuta mu muriro canke mu mazi. 16Namuzaniye abigishwa bawe ariko vyabananiye kumukiza.”
17Yesu arabishura ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nzanira uwo mwana hano.” 18Yesu aca akankamira iyo dayimoni, iva muri uwo mwana, aca akira ako kanya nyene.
19Hanyuma biherereye, abigishwa ba Yesu baramubaza bati: “Mbega ni kuki twebwe vyatunaniye kwirukana irya dayimoni?”
20Yesu arabishura ati: “Ni kubera ukwizera kwanyu guke. Ndababwire ukuri, iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto ka mutaride, mwobwira uriya musozi muti: ‘Imuka uve ngaha,’ kandi woca wimuka. Nta kintu na kimwe kitobashobokera. [ 21Ugusenga n’ukwisonzesha ni vyo vyonyene bishobora kwirukana idayimoni nk’irya.”]#17:21 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo.
Yesu avuga ubugira kabiri ivy’urupfu rwiwe
22Umusi umwe, bakoraniye i Galilaya, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu. 23Bazomwica, ariko ku musi ugira gatatu azozuka.” Maze ivyo birabababaza cane.
Ikori ry’urusengero
24Yesu n’abigishwa biwe bashitse i Kaperinawumu, abatoza ikori ry’urusengero rigizwe na darakuma zibiri baza aho Petero ari, baramubaza bati: “Mbega umwigisha wanyu ntatanga ikori ry’urusengero?”
25Petero arabishura ati: “Egome araritanga.”
Petero yinjiye mu nzu, Yesu aramwitanga, amubaza ati: “Wiyumvira iki ga Simoni? Ni ba nde baha abami bo muri iyi isi amakori n’amatagisi? Ni abana babo canke ni abandi bantu?”
26Petero aramwishura ati: “Ni abandi bantu.”
Yesu aramubwira ati: “Urumva rero ko abana batariha ikori. 27Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange.”

Цяпер абрана:

Matayo 17: BKC

Пазнака

Падзяліцца

Капіяваць

None

Хочаце, каб вашыя адзнакі былі захаваны на ўсіх вашых прыладах? Зарэгіструйцеся або ўвайдзіце