Itanguriro 2

2
Imana yeza umusi ugira indwi
1Ijuru n’isi binonosorwa kuremwa, bo n’ibirimwo vyose vy’ isinzi. 2#Kuv 20:11; 31:17; Heb 4:4.Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze. 3Nukw Imana ihezagira uwo musi w’indwi, iraweza: kukw ari wo Imana yaruhukiyekw ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze.
Uburyo Imana yaremye abantu ba mbere
4Aya ni yo mamo y’ijuru n’isi igihe vyaremwa, umusi Uhoraho Imana yaremeyekw isi n’ijuru. 5Kandi nta gati ko ku misozi karibgabeho kw isi, nta n’akatsi ko ku misozi karibgamere, kuk’ Uhoraho Imana ataribgarekurire imvura kw isi, kandi nta muntu yariho wo kuyirima; 6arikw igipfungu cadūga kiva kw isi kigatosa isi yose. 7#Ita 3:19; 7:22; Yob 33:4; Umus 12:7; 1 Kor 15:45, 47.Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo; umuntu aca aba ūfise ubugingo. 8#Ita 13:10; Yes 51:3.Uhoraho Imana atunganya itongo muri Edeni, mu ruhande rw’i burasirazuba: arishiramw’ uwo muntu yabumvye. 9#Ita 2:17; 3:22; Ivyah 22:2, 14.Uhoraho Imana ahameza igiti cose c’igikundiro kibereye kuribga, ameza n’igiti c’ubugingo hagati mur’ iryo tongo, ameza n’igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi. 10Kand’ uruzi ruturuka muri Edeni rwo kunywesha iryo tongo; ruharenganye, rwigabanyamwo kune. 11#Ita 25:18; 1 Sam 15:7.Urwa mbere rwitwa Pishoni: ni rwo rukīkūje igihugu cose c’i Havila, kirimw’ izahabu: 12kand’ izahabu yo mur’ ico gihugu ni nziza; aho ni ho haba ivyitwa budola#2:12 Budola n’ibirirarira biva ku giti, bimota neza bigakoreshwa nk’umuti. n’utubuyenge twitwa shohamu. 13Uruzi rwa kabiri rwitwa Gihoni: ni rwo rukīkūje igihugu cose c’i Kushi. 14#Dan 10:4.Uruzi rwa gatatu rwitwa Hidekeli, ni rwo ruca hino y’igihugu citwa Ashuri. Uruzi rwa kane rwitwa Efurate.
15Uhoraho Imana ajana wa muntu, amushira mur’ iryo tongo ryo muri Edeni, ngw aririme, arizigame. 16Uhoraho Imana abarira uwo muntu, at’ Igiti cose co mur’ iryo tongo ukiryek’ uk’ ugomba; 17arikw igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ ukiryeko: kuk’ umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza.
18Uhoraho Imana aravuga, ati Si vyiza k’uyu muntu yibana wenyene; hinge ndamuronderere umufasha bikwiranye. 19#Ita 1:20, 24.Nukw ibikōko vyose vyo ku misozi n’ibiguruka mu kirere vyose, ivyo Uhoraho Imana yari yabumvye mw ivu, abizanira uwo muntu ngw arābe ingen’ avyita amazina: kand’ uwo muntu uko yise ikiri n’ubugingo cose, rica riba izina ryaco. 20Uwo muntu avyita amazina uhereye ku bitungano vyose no ku biguruka mu kirere no ku bikōko vyo mw ishamba vyose: ariko ntihabonekamw’ umufasha akwiranye n’umuntu. 21#Ita 15:12; 1 Sam 26:12.Maz’ Uhoraho Imana asinziriza uwo muntu ubutikoma, arasinzira: amukūramw’ urubavu rumwe, ahōmeka inyama mu gishingo carwo. 22Urwo rubavu Uhoraho Imana akūye mur’ uwo muntu, arukūramw’ umugore, amuzanira uwo muntu. 23#Ita 29:14; Abac 9:2; 2 Sam 5:1; 1 Kor 11:8; Ef 5:30.Maz’ uwo muntu aravuga, at’ Uyu n’ igufa ryo mu magufa yanje, n’akara ko mu mara yanje: azokwitwa Umugore kuko yakūwe mu Mugabo.#2:23 Mu Giheburayo, umugabo ni Ish, umugore ni Isha. 24#Mat 19:5; Mrk 10:7; 1 Kor 6:16; Ef 5:28-31.Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’ umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe. 25Kand’ uwo mugabo n’umugore wiwe bompi bāgenda amēnya, ariko ntivyabatera isoni.

Поточний вибір:

Itanguriro 2: RUN1967

Позначайте

Поділитись

Копіювати

None

Хочете, щоб ваші позначення зберігалися на всіх ваших пристроях? Зареєструйтеся або увійдіть

YouVersion використовує файли cookie для персоналізації вашого досвіду. Використовуючи наш вебсайт, ви приймаєте використання файлів cookie, як описано в нашій Політиці конфіденційності