1
Matayo 7:7
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Musabe, muzohabga; murondere, muzoronka; muramutse, muzokwugururirwa.
Compară
Explorează Matayo 7:7
2
Matayo 7:8
Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa.
Explorează Matayo 7:8
3
Matayo 7:24
Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare.
Explorează Matayo 7:24
4
Matayo 7:12
Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana.
Explorează Matayo 7:12
5
Matayo 7:14
Arikw irembo ripfunganye, n’inzira ntoya, ni vyo bija mu bugingo, kand’ abahabona ni bake.
Explorează Matayo 7:14
6
Matayo 7:13
Muce mw irembo ripfunganye; kukw irembo ryagutse, n’inzira y’igihamo, ari vyo bijana abantu mu mahonero, kand’ abahaca ni benshi.
Explorează Matayo 7:13
7
Matayo 7:11
None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye?
Explorează Matayo 7:11
8
Matayo 7:1-2
Ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa. Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe.
Explorează Matayo 7:1-2
9
Matayo 7:26
Arik’ uwumva ayo majambo yanje wese, ntayakore, asa n’umuntu w’imburabgenge, yubatse inzu yiwe ku musenyi.
Explorează Matayo 7:26
10
Matayo 7:3-4
Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, kand’ inkingi iri mu jisho ryawe ntuyitegereze? Wobgira ute mugenzawe, uti Zana ngutosore akabango kari mu jisho ryawe, nawe ufise inkingi mu jisho ryawe?
Explorează Matayo 7:3-4
11
Matayo 7:15-16
Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi. Muzobamenyera ku vyo bama. Mbega har’ uwokwamura inzabibu ku munyinya, cank’ insukoni ku bitovu?
Explorează Matayo 7:15-16
12
Matayo 7:17
Nukw igiti ciza cose cama ivyiza, arikw igiti kibi cama ibibi.
Explorează Matayo 7:17
13
Matayo 7:18
Igiti ciza ntigishobora kwama ibibi, kand’ igiti kibi ntigishobora kwama ivyiza.
Explorează Matayo 7:18
14
Matayo 7:19
Igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.
Explorează Matayo 7:19